INTERNATIONAL NEWS

Inyuma Yaho Donald Trump Akuriye Leta Zunze Ubumwe Za amerika Mu Masezerano y’I Paris, Isi Yose Yamuhagurukiye.

on

Inyuma y’inama yabereye I Buraya ya G7,haravyutse ukutumvikana hagati yabagize iyo nama ku vyerekeye Amasezerano y’I Paris agenga ihindagurika ry’ikirere, ayo masezerano akaba yari yaje kugira hakorwe ivyo kugabanya ivyuka vya Dioxyde de Carbone bija mu kirere,aho umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuye muri iyo nama ata nyishu atanze ku vyerekeye aho igihugu ciwe gihagaze,akaba yari yamenyesheje ko yotanze inyishu muri iyi ndwi.

Muri iyi ndwi turimwo ku musi wa kane akaba ariho ubutegetsi bwa Donald Trump bwahisemwo gutangaza kumugaragaro ku buvuye mu masezerano y’I Paris,ayasinywe mu mwaka wa 2015. Ariko abategetsi batandukanye hirya no hino kw’isi ntibatevye kugaragaza akababaro kuri iyo ngendo ya Donald Trump, bavuga ko adaha agaciro kazoza kumubumbe wacu Isi, mu gihe ihindagurika ry’ikirere rimaze guhitana abatari bake, duhereye ku binyamyugigima, imyuzure hamwe nibindi vyago vy’ivyaduka.

Ibihugu vy’Ubudagi, Ubufaransa hamwe n’Ubutaliyano bwasohoye itangazo ryo kwiyamiriza iyo ngingo ya Donald Trump aho Emmanuel Macron, Umukuru w’igihugu c’ubufaransa yavuze ko “ata kundi turi bugire, kuko ata wundi mubumbe wa kabiri dufise” . Na Vladmitr Putin ntiyatevye kugaragaza ko adashimye iyo ngingo aho yamenyesheje ejo ko “ayo masezerano atari bwaje mu ngiro neza…ko vyari vyitezwe ko mu 2021 ari hogira ikiva mwayo masezerano”. Putin akaba yavuze ko “kumbure hashobora kuba ibiganiro hama USA igasubira kwihweza ico kibazo”.

Arnold Schwarzenegger: “Umuntu umwe ntashobora guhagarika umugambi wacu”.

Na Koffy Annan, yahoze ari umunyamabanga mukuru wa ONU, yateye ivyatsi iyo ngingo ya Donald Trump. Uwahoze atwara intara ya Californie, Arnold Schwarzenegger, uwusanzwe adashigikiye intwaro ya Donald Trump, wewe ntiyariye umunwa mu kuvuga ati: “ Umuntu umwe ntashobora guhagarika umugambi wacu…kazoza kacu kameze neza tugakesha ikibano cacu, ibisagara vyacu hamwe n’amaleta yacu…ntidushobora kureka ngo Donald Trump n’Ubutegetsi bwiwe ngo budufatire ingingo…turashobora kuvyifatira mu ntoki.

Bikaba bimaze kugaragara ko amaleta menshi ya Amerika adashigikiye iyo ngingo ya Donald Trump, akamenyesha ko azoguma ashigikiye ayo masezerano y’I Paris adahemeuka.

N’uwahoze ari umunyamabanga wa Leta ya Amerika ku ntwaro ya Barrack Obama, John Kerry, aragaragaza akababaro kiwe ati: “Donald Trump ntazi ivyo ariko arakora…ntivyumvikana ukuntu yofata ivyo abategetsi bo ku rwego rwo hejuru kw’isi ko bariko bavuga ibinyoma”.

Recommended for you