Thursday, June 8, 2023
HomeNewsInyuma ya ONATEL, COGERCO imenyesha ko nayone yahomvye.

Inyuma ya ONATEL, COGERCO imenyesha ko nayone yahomvye.

Ishirahamwe ririma rikongera rigahingura umwimbu w-ipama COGERCO rimenyesha ko rikora rihomba haraheze imyaka cumi. Iryo shirahamwe Leta ikaba irifisemwo umutahe ku bice 100 kw-ijana, risigura ko mu biriko bituma ryugara imiryango ari ideni ryo ku rugero runini riheranye.Gustave Majambere : Directeur général de COGERCO, Vers la redynamisation de  la culture du coton

Mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Umuyobozi mukuru w-iryo shirahamwe Gustave Majambere yasiguye ko mu bindi vyatumye iryo shirahamwe rihomba harimwo ko Leta itagize uruhara runini ngo  irikwirikirane  ukwo bibereye.

Umushikiranganji w-uburimyi Déo Guide Rurema aheruka kumenyesha ko iryo hinguriro rya Leta ryahomvye amafaranga angana n-imiriyaridi zine z-amarundi bitewe n-uko abagiye baratwara iryo shirahamwe bavyifashemwo nabi. Nk-umuti, Uwo mushikiranganji amenyesha  ko Leta itobandanya ishira mu mafaranga ahantu hari igihengeri  kingana ukwo.

Tubibutse ko n-irindi shirahamwe rya Leta ONATEL riheruka guhomba, aho urwo ruhombo ivya ruteye bisigurwa ugutandakunye.Abakozi b-iryo shirahamwe bata urwo ruhombo kuri Leta y-uburundi bitewe nuko itashoboye kubona ko iryo shirahamwe ryayo riri  mw-ihiganwa ry-ayandi mashirahamwe. Leta y-uburundi nayo igasigura ko urwo ruhombo rwatewe n-abakozi b-iryo shirahamwe kuko ibikoresho bari baguriwe vyari gutuma ishirahamwe rishika hejuru, umwimbu ukiyongera kuruta ukwo vyari imbere.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...