Fri. Jan 17th, 2020

Inyuma ya Ngozi na Mwaro, abanya Gitega nabo bati “CNL Tsinda, Rwasa President”

Mu rukurikirane rwo gukurikirana uko abanywanyi b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa, ubu naho abanywanyi bo mu ntara ya Gitega bagaragaje aho bahagaze mu kuvuga ko CNL itegerezwa gutsinda amatora ya 2020.

Ivyo vyabaye mu gihe uwo mugambwe wa CNL wari uramutse wugurura ingoro yawo yumugambwe mu gisagara ca Gitega.

Mu masanamu yashizwe ahabona na CNL Burundi, abo banywanyi baboneka bagenda bararimba bavuga bati “CNL tsinda, Rwasa President”.

Biramaze kugaragara ko abanywanyi batari bake bo mu mugambwe CNL bariko barishira ahabona ata gutinya agatototezo gashobora gukurikira.

Mu ntara ya Ngozi aho habereye ukwo kurya umutima amenyo kwaba CNL, harakurikiye uguhagarika bamwe muri bo bagirizwa guhungabanya umutekano wo mu kibano.

Intara za Ngozi na mwaro haramaze kwibonekeza abatari bake bishira ku mugaragaro

Raba hano iyo video y’Abanywanyi ba CNL bagenda bararirimba ataco batinya: