Tue. Jan 21st, 2020

Inyuma ya ADC Ikibiri na CNARED, ubu naho havutse CFOR-Arusha

Inyuma y’aho habaye inani z’imigambwe mu Burundi arizo nka za ADC Ikibiri, harakurikiye urundi runani ubu narwo rusa nururiko rusezera urubuga rwa politike arirwo CNARED, ubu naho havyutse urundi runani rw’abatavuga rumwe na leta arirwo CFOR-Arusha.

Urwo runani rw’abatuvuga rumwe na leta y’Uburundi rwavyutse rukaba rurongowe na bamwe mu batavuga rumwe na leta y’Uburundi aribo Frederic Bamvuginyumvira na Chauvineau Mugwengezo.

CFOR-Arusha arirwo runani rwiswe Coalition des Forces de l’Opposition, rukamenyesha ko intumbero yarwo ari ukubandanya urugamba rwo kwubahiriza amasezerano y’i Arusha ayo abatavuga rumwe na leta bavuga ko intwaro ya CNDD-FDD yazimanganije.

Urwo runani rukaba rutwarwa na Chauvineau Mugwengezo hamwe n’icegera ciwe Frederic bamvuginyumvira.

Raba hano hepfo itangazo CFOR-Arusha yasohoye: