Thursday, December 1, 2022
HomeTrendingIntwazangabo mu gisirikare irapfunzwe kubera gutanga nabi amategeko yo ku rugamba muri...

Intwazangabo mu gisirikare irapfunzwe kubera gutanga nabi amategeko yo ku rugamba muri Congo.

Imwe mu ntwazangabo mu gisirikare c’uburundi yahora mu gihugu ca Congo ipfungiwe mu gasho k’ikambi y’igipolisi ca gisirikare bita “bataillon police militaire”. Amakosa yagirizwa nuko mu ntambara zabereye muri Congo zabahuje n’imihari ya RED-Tabara hamwe na FNL ya Aloys Nzabampema, yatanze nabi amategeko yo ku rugamba yatumye Abasirikare benshi yararongoye bakomereka abandi bahasiga ubuzima.

Uwo musirikare w’intwazangabo apfungiwe mu gasho ka “police militaire” afise ipete rya Major. Amakuru ava mu gisirikare, avuga ko uwo musirikare yatahukanywe kuri uyu w’Imana uheze mw’ijoro buca ari kuwa mbere. Ayo makuru nyene avuga ko yatahanywe arikumwe n’abasirikare bakomerekeye aho muri congo mu ntambara zabahuje n’imihari ya FNL hamwe na RED-TABARA.

Amakuru atangwa kandi n’abasirikare bari muri congo yemeza ko abasirikare barenga cumi hamwe n’imbonerakure aribo bahasize ubuzima . Abakomeretse muri kino gihe bakaba bariko bavurirwa mu bitaro vy’abasirikare i Bujumbura. Bamwe mu basirikare bakorera mw’iperereza rya gisirikare ryitwa G2 bakorana cane cane na Police militaire bavuga ko iyo ntwazangabo iriko ibazwa ku makuru avuga ko amategeko yo ku rugamba yatanze ariyo yoba yaratumye abasirikare n’imbonerakure bahasiga ubuzima muri izo ntambara abandi nabo bagakomereka.

Must Read