NEWS

Intumwa 8 za Benjamin Mkapa Ziri I Bujumbura

on

Intumwa z’umufasha mu biganiro bihuza Aabrundi, ariwe Benjamin Mkapa, zarakoze urugendo rw’akazi ziza i Bujumbura kuva mu ntango yo muri iyi ndwi; ariko ico uwo mubonano uriko uravamwo canke ico bariko barakora ntikiramenyekana kuko biriko biraba mw’ibanga ntangere.

Urwo rugendo rw’izo ntumwa za Benjamin Mkapa ruje inyuma y’aho intumwa za leta y’Uburundi zikoreye umubonano n’abagize urunani CNARED, aho impande zose uko ari zibiri zabuze ico zihurizako bivanye nuko bose baza basaba amananiza.

Benjamin Mkapa, Umufasha mu Biganiro vy’Abarundi.

Umushikiranganji w’imignderanire n’ayandi makungu w’Uburundi, Alain Aimé Nyamitwe aremeza ko izo ntumwa za Benjamin Mkapa zihari hano i Bujumbura, maze akamenyesha ko izo ntumwa zishika kuri batandatu gushika ku bantu umunani, ariko akaba atamenyesha ibiriko bikorwa n’izo ntumwa z’umufasha w’umuhuza mu biganiro bihuza abarundi.

Ivyo bikorwa vy’izo ntumwa zitegekanya gukora i Bujumbura bikazobandanya gushika itariki 19 myandagaro 2017.Ivyo biri uko mu gihe ibiro vy’umuhuza vyari vyamenyesheje ko ibiganiro bihuza Abarundi vyosubiriye gutangura mu kwezi kwa Mukakaro 2017 turangije, ariko bikaba bitabaye; kumbure boba bagomba gusubira gutanguza ivyo biganiro bisa n’ivyapfuye bivanye nuko ababigiramwo uruhara baguma basaba amananiza. Ibizova muri iyo nama y’izo ntumwa bizomenyekana

Recommended for you