NEWS

Intumwa ya Amerika mu Burundi ivuga ko ‘impunzi z’Abarundi zohunguka ku bushake’

on

Kuri uyu musi wa gatatu igenekerezo rya 11 Nyakandga 2019, haramutse haremeshwa ikiganiro ku bamenyeshamakuru kiremeshwa n’intumwa ya Amerika mu Burundi, Dr J. Peter Pham.

Ku bijanye n’umugambi wa leta y’Uburundi na Tanzania wo guhungura impuzi z’abarundi zabishaka canke zitabishaka, iyo ntumwa ya Amerika yamenyesheje ko ‘impunzi zokwumva zisanze zihungutse ku bushake bwazo’.

“Leta Zunze Ubumwe za Amerika zagumye zipfuza cane gufashe mu bijanye n’ibiganiro bihuza Abarundi maze habe uguhunguka kw’impunzi ku bushake bwazo, na cane cane impunzi zose z’Abarundi ziri mu karere”, niko Dr J. Peter Pham yamenyesheje.

Uguhungura impunzi gutegerezwa kuba mu vy’ukuri ku bushake. Uguhungura impunzi ku nguvu ntivyoba gusa ari ubukozi bw’ikibi ariko kandi vyoba bihonyanze amategeko mpunzamakungu agenga impunzi mw’isi“, niko Dr J. Peter Pham yongeyeko.

Ku bijanye n’amatora ya 2020, Dr J. Peter Pham yamenyesheje ko leta Zunze Ubumwe za Amerika ziteguriye gufasha mu bijanye n’ubuhinga kugira go amatora abe mu ‘muco, mu mahoro, kandi mu bihe bitekanye’.

Dr J. Peter Pham yongeyeko ati: “Amatora aba ayo mu muco kandi yizigiwe mu gihe afise abarorerezi bayo, baba abo mu Burundi, muri EAC canke mvamakungu”.

Recommended for you