NEWS

InterBank Burundi yagirijwe gukorana n’abarobeli muri Congo.

on

Ibanki y’abigenga ikorera mu Burundi, ariyo Intrerbank Burundi, yaraye yagirijwe na sentare yo mu gisagara ca Bujumbura gukorana n’imigwi irwanira mu buseruko bw’igihugu ca Kongo.

Ubutungane bw’Uburundi bwari bwuguruye iyo dosiye kuri Interbank Burundi inyuma y’aho amafaranga ashika ku 1 500 000 $(hafi imiliyaridi 5 mu marundi) ahatswe kwibirwa mu gatumba ku mupaka w’Uburundi na Kongo ,mu ndwi turangije.

Ubutungane bw’Uburundi bwagiriza kandi InterBank Burundi kurenga ku ngingo zashinzwe na leta ko ata muntu numwe yorenga urubibe rw’Uburudi aja amu kindi gihugu afise amafaranga arenga 3000 y’amadolari y’abanyamerika( hafi imiliyoni 10 mu marundi).

Mu kwiregura, InterBank Burundi yavuze ko ayo mafaranga 1 500 000 $ yahatswe kwibwa mu Gatumba yari agiye mu yindi banki yo muri Kongo ikorana na InterBank Burundi ariyo Trust Merchant Bank (iri Uvira) nko ku bilometero nka cumi uvuye mu gisagara ca Bujumbura.

Ku bw’ubutungane bw’Uburundi, amafaranfga yose ibanki InterBank Burundi yatwaye muri Kongo kuva mumwaka wa 2015 ‘yabaye ayo gufasha imirwi irwanira ku butaka bwa kongo’ harimwo niyishaka kuza guhungabanya inzego z’Uburundi.

Ubutungane bw’Uburundi bukaba bwaciye busaba ko ayo mafaranga yari agiye muri kongo afatwa maze akaja mu kigega ca leta.

Ubutungane bw’Uburundi bukaba bwaciye amande InterBank Burundi y’amafaranga ashika ku miliyaridi zishika 44 mu Marundi hamwe n’inshumbusho kuri leta y’Uburundi ishika ku miliyaridi 50 mu mafaranga y’amarundi.

InterBank Burundi ikaba ihakana ivyo vyagirije vyose maze ikavuga ko nyabuna ibikorwa vyayo bituma Uburundi buronka amafaranga y’agaciro mu gihe hibonekeza ubukene cane bwayo mwino misi.

InterBank Burundi ikaba itwarwa na benshi mu bo hanze nk’Ububiligi, Ubufaransa nahandi nk’uko biboneka ku rubuga rwabo rwa banki.

Recommended for you