NEWS

Integuro Nshasha y’Ibwirizwa-Shingiro Yagiye Ahabona.

on

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaratanguje umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa-shingiro, ivyo bamwe babona ko arikugomba kwigumiza ku butegetsi, ko ashobora kwitoza mu mwaka wa 2020 mu gihe iyo nteguro nshasha y’ibwirizwa shingiro yokwemezwa.

Ku bw’ico gisomwa gishasha c’ibwirizwa shingiro, intwaro muri rusangi itwara igihugu izohinduka cane: Nta vyegera bibiri bizosubira kuhaba, hazojaho ikibanza c’Umushikiranganji wa Mbere azova mu mugambwe watsinze amatora,kandi azoba afise ububasha bunini cane ku bikorerwa mu gihugu, hama hajeho n’icegera kimwe c’umukuru w’igihugu kivuye mu mugambwe utavuga rumwe n’uwatsinze amatora, ariko ata bubasha afise na gato.

Abihweza ibintu n’ibindi, mu bihugu usanga bifise Umushikiranganji wa mbere, usanga umukuru w’igihugu aca afatwa nk’umwami, kuko ayo mabanga yose y’igihugu Umushikiranganji wa mbere ariwe ayakora. Benshi barabona ko hagiye kujaho rero intwaro ya cami hama umukuru w’igihugu yitwe Umwami.

Muri iryo bwirizwa shingiro rishasha, mu ngingo ya 97 haravugwamwo uku : “Umukuru w’Igihugu yitorerwa n’abarundi bo nyene ubwabo, akamara muri iryo banga ikiringo c’imyaka indwi gishobora kwisubiriza. Ntawushobora kurongora igihugu mu biringo birenga bibiri bikurikirana”.

Ku bw’ivyo nta kibuza ko Pierre Nkurunziza atazokwitoza mu 2020 kandi akaguma ku butegesti gushika mu mwaka wa 2034. Nk’uko bamwe bavyibaza, Pierre Nkurunziza arashobora no gusubira kwitoza mu mwaka wa 2041.

Abatavuga rumwe na leta bobo babona ko uguhindura ibwirizwa shingiro ari nko “gutangaza intamabara ku banyagihugu”, nk’uko Pancrace Cimpaye avugira CNARED yabimenyesheje. Na Agathon Rwasa asanzwe ari mu Nama Nshingamateka, ariyamiriza ukwo kugerageza guhindura ibwirizwa shingiro;wewe akavugga ko Pierre Nkurunziza ashaka “kwigumiza ku butegetsi ubuzima bwiwe bwose”.

Raba ngaha igisomwa cose c’Ibwirizwa Shingiro Rishasha:

IBWIRIZWA SHINGIRO RISHASHA

Recommended for you