Saturday, March 25, 2023
HomeNewsIntara zigize uburundi zigiye kuba 5 amakomine nayo ni 42 maze amazone...

Intara zigize uburundi zigiye kuba 5 amakomine nayo ni 42 maze amazone n’imitumba birongerezwa.

Intara zigize uburundi zagabanijwe ziva ku ntara 18 zishirwa ku ntara 5 nayo amakomine nayo avanwa kuri 119 ashirwa kuri 42. Ariko ama zone n’imitumba birongerezwa. Biri mu vyemejwe mu nama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa gatatu aho muvyo yize harimwo integuro y’ibwirizwa rishinga imbibe z’intara , amakomine, amazone, imitumba n’amakaritiye bigize igihugu c’uburundi.Carte administrative du Burundi (ISTEEBU, 2017)

Izo ntara n’amakomine nshasha akaba ari izi:

  • Bujumbura: Muha, Muhuta, Mukaza, Mugina, Mugongo-manga, Ntahangwa.
  • Buhumuza:Butaganzwa, Butihinda, Cankuzo, Gisagara, Gisuru, Muyinga, Ruyigi.
  • Gitega:Bugendana, Gishubi, Gitega, Karusi, Kiganda, Muramvya, Mwaro, Nyabihanga, Shombo
  • Burunga:Bururi, Matana, Makamba, Mpinga-Kayove, Mabanda,Rumonge, Rutana.
  • Butanyerera:Busoni, Matongo, Kayanza, Kiremba, Kirundo, Muhanga, Mwumba, Tangara.

 

Mu ntumbero yokwegereza ubutegetsi abanyagihugu, Amazone yongerejwe ava ku 399 aja 447, imitumba nayo yakuwe ku 2910 ishirwa ku 3037.

 

Must Read