Thursday, June 8, 2023
HomeNewsIntara n-amakomine zigize uburundi zigiye kugabanywa.

Intara n-amakomine zigize uburundi zigiye kugabanywa.

Mu nama yakoresheje ba buramatari hamwe n-izindi nzego kuri uyu wa gatatu, umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu yaraye amenyesheje ko intara n-amakomine zigize igihugu c-uburundi zigiye kugabanywa, maze igitigiri cazo kikaba gito.Provinces of Burundi | Mappr

Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca amenyesha ko ukwo kugabanuka kw-amakomine  hamwe n-intara bigiye gukorwa mu ntumbero yo gushikiriza abanyagihugu iterambere rusangi rirama.

ˮDushaka kuraba amakomine igihugu coba gikeneye kugira iterambere rusangi rikunde. Kuko nsinibaza ko iterambere rikunda dufise intara n-amakomine birenga ukwo biri ubu. Twipfuza ko nimba ari buramatari agire aho atwara haboneka, nimba ari musitanteri atware ahaboneka  kugira amakori n-amatagisi ayatoze  akwiye kuko hariho amakomine twasanze bigoye ,usanga atagira n-amasoko‟  Niko Gervais Ndirakobuca atomora.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...