Mu nama yakoresheje ba buramatari hamwe n-izindi nzego kuri uyu wa gatatu, umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu yaraye amenyesheje ko intara n-amakomine zigize igihugu c-uburundi zigiye kugabanywa, maze igitigiri cazo kikaba gito.
Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca amenyesha ko ukwo kugabanuka kw-amakomine hamwe n-intara bigiye gukorwa mu ntumbero yo gushikiriza abanyagihugu iterambere rusangi rirama.
ˮDushaka kuraba amakomine igihugu coba gikeneye kugira iterambere rusangi rikunde. Kuko nsinibaza ko iterambere rikunda dufise intara n-amakomine birenga ukwo biri ubu. Twipfuza ko nimba ari buramatari agire aho atwara haboneka, nimba ari musitanteri atware ahaboneka kugira amakori n-amatagisi ayatoze akwiye kuko hariho amakomine twasanze bigoye ,usanga atagira n-amasoko‟ Niko Gervais Ndirakobuca atomora.