NEWS

Intambara y’amajambo ku nama ya EAC: Liberat Mpfumukeko nawe yavuye mu gacarere.

on

Umunyamabanga w’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, Liberat Mpfumukeko, akaba ari umurundi, yahisemwo kuja mu ntambara y’amajambo hagati ya Museveni wa Uganda, Nkurunziza w’Uburundi mu kuvuga ko ‘Inama y’abashikiranganji itegura iyo nama ya EAC yigijwe inyuma’.

Biraboneka ko Mpfumukeko yaditse ikete aryandikira uwumutwara Museveni ko yiyemeje ‘kuhaseruka kubera igihugu ciwe’ ivyo casavye vyanse naho hoza iki.

Soma kandi: Museveni yahakaniye Mugenziwe Nkurunziza ko ‘Inama ya EAC idasiba ku wa 30 Munyonyo 2018’.

Intambara y’amajambo rero irashushe, canke bras-de-fer nk’uko bamwe babivuga hagati ya Museveni, Nkurunziza na Liberat Mpfumukeko. Ninde azohava atahukana intsinzi?

Mu gihe Museveni yokwemera ko hoba iyigizwa inyuma ry’itegurwa ry’iyo nama nshikiranaganji itegura iyo nama ya EAC ku wa 30 Munyonyo vyoca bituma Uburundi buronka akaryo ko kwitegura.

None Museveni agiye kuvyifatamwo gute ko yari yahakaniye mugenziwe ko Inama itazosiba itegerezwa kuba ku wa 30 Munyonyo 2018?Tubitege amaso.

Soma urwo rwandiko Mpfumukeko yashize nawe ahabona:

Recommended for you