INTERNATIONAL NEWS

Intambara Hagati Y’Ishengero Katolika Na Leta ya Kongo( Kinshassa).

on

Uko ibintu vyifashe kubandanya kwunyuka mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo. Inyuma y’aho abanyepolitike basa n’abananiriwe kwirukana ku butegetsi Joseph Kabila asanzwe atwara ico gihugu ngo ave ku butegetsi, ubu hoho ico kibazo gisa nicifatiwe mu mu ntoki n’ishengero katolika ryaho muri Kongo.

Imyerekano ikaze yahamagajwe n’ishengero katolika mu gisagara ca Kinshassa ku wa 31 Kigarama 2017 yo kwiyamiriza umukuru w’igihugu Joseph kabila yahagaritswe bimwe bikomeye n’ingabo za leta, aho bamwe bapfuye abandi barakomereka gushika naho Inama ya ONU ikorana ku bwico kibazo ca Kongo. Ubu hoho, umukardinali yamuka muri Kongo yitwa Monsengwo ( Kw’ifoto) niwe asa nuwafashwe na leta ya Kongo ko aserukire abatavuga rumwe na Leta, nkuko ikinyamakuru La Libre Afrique kibimenyesha.

Joseph kabila akaba yari yahawe ko kugera itariki 31 Kigarama 2017 kuba yavuye ku butegetsi, ariko yabandanije ari ku butegetsi bica bituma benshi barushiriza kumwiyamiriza. Abo bakora imyiyerekano ishigikiwe n’idini rya katolika bavuga bati: “Ubu ibintu vyarahindutse. Nta mwanya w’ibiganiro ukihari..

Kubera ko abarongoye idini rya katolika aho muri Kongo batarota batezura gushika Kabila avuye ku butegetsi, abapatiri bahamagariye kandi ‘intama zabo’ kwitabira imyiyerekano kandi ikomeye ku wa 12 Nzero 2018. “ Abatazokwitaba ako kamo bazotegerezwa kwisigura ku babakurira”, niko umupatiri umwe yamenyesheje.

Uyo mupatiri abandanije ati: “ Ukugaragaza akababaro kwacu ni ukurangwa amahoro kandi kuzokwama uko…ariko kahise karatuma tuzirikana…intwaro [ya Joseph Kabila] yarishe benshi, yicisha inzara benshi, nivyiza ko ivyo bihinduka. Umwanya wa Kabila n’abiwe warangiye…abanyagihugu bavyifatiye mu ntoki kandi nta wuzobahagarika”, niko yabwiye Libre Afrique.

Recommended for you