NEWS

Intamba m’Urugamba ziriteguriye guhura na RCA na Maroc

By

on

Umumenyereza mukuru w’Intamba m’Urugamba, Olivier Niyungeko, yasohoye k’uruyu wa gatandatu urutonde rw’abakinyi bazoserukira Uburundi mu nkino zo kuranamwo za CAN 2021. Uburundi bukazohura n’igihugu ca Républika Centre Africaine i Bangui itariki 13 z’ukwicumi na rimwe 2019, zikazokina na Maroc kandi itariki 19 munyonyo nyene uwu mwaka aha mu gisagara ca Bujumbura.

Abasoma urwo rutonde rw’abakinyi bakaba barushimye, abakinyi benshi bakaba bakinira mu mirwi yo hanze y’igihugu. Imyimenyerezo nayo ikaba izo izotangura itariki 8 munyonyo mu gisagara ca Nairobie mu ntumbero yo kugira abakinyi bamenyerane no kumenyera gukinira ku bindi bibuga bagize umurwi nserukira gihugu Intamba m’Urugamba.

Abarorezi bakizera ko umurwi nserukira gihugu uzoshobora kuhakura amanota kuko umaze imisi utsindwa n’ibihugu uhura navyo kireste igihugu ca Soudan du Sud.

 

 

Recommended for you