NEWS

Intamba m’urugamba zaraye zisezereye amahiganwa ya CAN2019

By

on

Aho ni nyuma yo gistindwa bibiri kubusa n’igihugu ca Guinée kur’uyu w’Imana. Aho naho Uburundi bwari bwizeye gutahukana itsinzi kugira bushobore gutorwa mu bazoja mugice c’umunani ca final. Ariko basanze igihugu ca Guinée atarico guta mu ndasa naco cari citeguye.

 

Intamba m’urugamba zikaba rero zivuyeyo atagitsindo zinjije kandi atarukino zitsinze. Reverien Ndikuriyo, umukuru w’umupira w’amaguru m’Uburundi, kur’urubuga rwiwe rwa facebook yamenyesheje ko urugendo rw’Intamba m’Urugamba rugarukiye aho kur’uyu w’Imana. Arashimira abafashije bose kugira inkino zigende neza.

Aramenyesha ko bagiye gukomeza inkino z’abakiri bato mu ntumbero yo kwitegurira neza ayandi mahiganwa mpuzamakungu. Akaba kandi yaremereye ayandi mahera yarasigaye y’abakinyi b’Intamba m’Urugamba angana n’imiliyoni zitanu umwe umwe.

Recommended for you