NEWS

Intamba mu rugamba zizokina mu murwi B mw’ihiganwa rya CAN2019

By

on

Ivyo vyaraye bimenyekane mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatanu ku murwa mukuru w’igihugu ca Egypte aho hari abanyecubahiro batari bake nk’umukuru w’igihugu ca Egypte, umukuru wa FIFA, umukuru wa CAF, uwurongoye umupira w’amaguru mu Burundi FFB, Reverien Ndikuriyo, abakuru b’imipira y’amaguru muri Afrika, umumenyereza w’intamba mu rugamba, umupfasoni Lydia Nsekera ari muri komité nshingwabikorwa vya FIFA.

Hahejeje kuba ico bise tirage au sort, Uburundi rero bukaba bwashizwe mu murwi B mur’iryo higanwa aho buzokina n’ibihugu vya Nigeria, Madagascar na Guinée. Uburundi bukazokina ubwambere n’igihugu ca Nigeria itariki 22 ruheshi, busubire bukine na Madagascar itariki 26 ruheshi hama bukine na Guinée igenekerezo rya 30 ruheshi.

Igihugu ca Nigeria kikaba arico gikaze muruyo murwi kuko kimenyereye cane ayo mahiganwa kandi kimaze no gutwara igikombe ca Afrika kikaba kimaze no gushika mu gikombe c’isi yose. Reverien Ndikuriyo arongoye umupira w’amaguru mu Burundi kur’urubuga rw’iwe rwa facebook akaba yamenyesheje ko bazokoba ibishoboka nkuko nivyambere vyakozwe kugira Uburundi bushike kure mur’iryo higanwa rizobera mu gihugu ca Egypte canke Egiputa mu bitabo vy’ubwizure bwa kera.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply