NEWS

Intamba mu rugamba izotana mu mitwe na Niger kuruyu wa Gatandatu.

By

on

Umugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu rugamba ufise urukino rukomeye cane kuruyu wa Gatandatu,urukino ruzobahuza n’umugwi nserukira gihugu wa Niger,urukino ruzobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kuruyu wa Gatandatu igenekerezo rya 5/9/2015.
intamba
Urwo rukino ruzoba ku munsi wa Gatandatu ruzoba ari urukino rugira 2 umugwi nserukira gihugu w’uburundi uzoba ukinye mw’itsinda ryabo kuko urukino rwa 1 Intamba mu rugamba yakinye n’umuggwi nserukira gihugu wa SENEGAL,urukino rwabereye mu gihugu ca SENEGAL,urukino rwarangiye umugwi wa SENEGAL utsinze umugwi w’intaba mu rugamba ibitsindo 3-1.
intamba mu rugamba
Twobamenyesha ko Intamba mu rugamba zizotana mu mitwe kuruyu wa Gatandatu ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore zidafise kizigenza wabo Saido Ntibanzonkiza kuko asanzwe afitaniye ingorane n’umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu w’uburundi ariwe AIT ABDELMARK.