NEWS

Innocent Muhozi avuga ko ico Abarundi bakeneye aruko ‘intwaro ihari yovaho’

on

Umuyobozi wa Radio Television Renaissance(imwe mumaradio yatutriwe mu mwaka wa 2015) aravuga ko umuti wo gutorera umuti ku ngorane zo mu Burundi ari uko intwaro ya CNDD-FDD ihari yovanwaho.

Muhozi aragaruka ku ngingo ya CNDD-FDD yo kurengutsa abitwa ko bagirizwa ko bagize uruhara mw’iyicwa rya Ndadaye Melchior, maze akavuga ko ivyo bikozwe ku bwimvo za politike, atari uko ari kurondera ubutungane.

Umwe mu batavuga rumwe na leta nawe yagize ico avuga ku majambo ya Innocent Muhozi ati: ” Icihutigwa ku Burundi kandi kigomba kuraza ishinga umurundi wese yipfuza ko igihugu cacu kironka amahoro n’iterambere birana, n’ukuntu intwaro ya CNDD-FDD yoranduranwa n’imizi kandi vuba cane”.

Innocent Muhozi aravuga vyinshi ko impamvu yotuma intwaro ihari ivanwaho ari uko yicishije Abarundi inzara n’ubukene butagira izina.

Kurikirana ngaha video y’amajambo ya Innocent Muhozi:

 

Recommended for you