NEWS

Inkuru y’umubabaro mu muryango w’uwahoze ari umuyobozi mukuru wa Kaminuza y’Uburundi

By

on

Ni agahinda n’umubabaro mu muryango w’uwahoze ari umuyobozi mukuru wa Kaminuza y’Uburundi, ubu akaba ari umuyobozi w’ishure rya Reta ENA ryigisha ibijanye n’intwaro. Uwo muryango wa Gaston HAKIZA n’umushingamateka Persile MWIDOGO wabuze imfura yabo, umugabo yari akiri muto azwi kw’izina rya Juste HAKIZA.

Gaston HAKIZA n’umuryango wiwe, babuze mu gatondo kuri uwu wa gatatu umwana w’umuhungu yapfuye giturumbuka ahitanywe n’ihagarara ry’umutima (Crise cardiaque).

Umuryango wa Gaston HAKIZA waheruka kubura uwundi mwana w’umusore nawe nyene yapfuye giturumbuka ahitanywe n’isanganya ry’imodoka yariko aratwara atashe, ryabereye haruguru ya “Restaurant chez André”.

Uwo muryango ubuze umwana agira kabiri mu kiringo c’umwaka umwe gusa, aho akaba ari mu gihe uwo muryango wariko witegurira kuganduka kuri uwo wa mbere yitavye Imana ahitanwe n’isanganya ry’imodoka.

Juste HAKIZA asize umugore n’umwana umwe w’umuhungu akiri muto.

Ikinyamakuru UBM News kirahojeje umuryango wabuze.

Recommended for you