Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsinkurikizi ngo zirashobora kuba mbi inyuma y’amatora yo 2015 kubera ino mpanvu...

inkurikizi ngo zirashobora kuba mbi inyuma y’amatora yo 2015 kubera ino mpanvu

Kuruyuwa kabiri niho imigwi ijejwe gutegura amatora mu makomine yashigwaho mu gihugu cose. Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ADC-IKIBIRI rurakebura umugwi CENI gukorera kumugaragaro, kuko inkurikizi zirashobora kuba mbi inyuma y’amatora.

nibigira
umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ” Concilie NIBIGIRA ”

N’umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko batashimishijwe n’ibibanza bahawe mu migwi ijejwe gutegura amatora mu makomine. Concilie NIBIGIRA amenyesha kandi ko bishoboka ko abenshi muri iyo migwi boba ari abanywanyi ba CNDD-FDD.

Prosper NTAHOGWAMIYE umuvugizi w’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI avuga ko atatunenge Twaguyemwo mu gushiraho iyomigwi yo gutegura amatora mu makomine. Akavuga ko abafise ico babaza bafise imisi 3 kuva kuri uyu wa kabiri.

Must Read