NEWS

Inkoho zibiri zatowe mu bibanza bitandukanye

By

on

Inkoho yo mu bwoko Kalashnikov yatowe mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’agatondo, ku musozi Murama, zone Rugari, komine Muyinga, intara ya Muyinga nyene.

Iyo nkoho yatowe mw’isakwa ryakozwe ku rugo rw’uwitwa Ndarugirire Charles w’imyaka 52 asanzwe avuka mu ntara ya Kayanza, ikaba yafashwe iri kumwe n’igikono (Chargeur) kirimwo amasasu 21.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko iyo nkoho ariyo yakoreshejwe mu kwiba ku rugo rw’umudandaza azwi kw’izina rya MIBURO Gaudance kw’igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2018, ku musozi Murama, iyo ntara ya Muyinga. Umunsi ubwo busuma buba, umuntu umwe niwe yarashwe, mu nyuma akaba yahavuye yitaba Imana.

NDARUGIRIRE Charles yafatanwe iyo nkoho akaba apfungiwe mu gasho k’igiporisi mu kurindira ko aciribwa urubanza rw’ikibiriraho.

Inkoho igira kabiri yafashwe ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, nk’igihe c’isaha umunani n’iminota cumi n’itanu, ku musozi Mburi, komine Gisagara, intara ya Cankuzo. Iyo nkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov yatowe mu murima w’ikawa, ikaba yari kumwe n’ibikono bitanu (Chargeurs) vy’amasasu, muri ivyo bikono, bibiri murivyo vyari vyuzuye (Amasasu 40).

Recommended for you