Thursday, December 1, 2022
HomeNewsInka 827 nizo zari zimaze gufatwa na ya nyonko yo mu kiyaya...

Inka 827 nizo zari zimaze gufatwa na ya nyonko yo mu kiyaya ca Rift valley gushika kuwa 20 Ruheshi.

Inka 827 nizo zari zimaze na ya nyonko  yo mu kiyaya ca Rift valley gushika kw’igenekerezo rya 20 Ruheshi 2022. Muri ico gitigiri c’izanduye, Inka 323  ziramaze gupfa.Image

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Burundi ECO, nuko intara 13 muri 18 arizo zimaze kwibonekezamwo iyo ngwara. Ubushikiranganji bujejwe ubworozi  buvuga ko imiriyoni 8 z’amadorare y’abanyamerika arizo zikenewe  kugira iyo ngwara ikingwe  mu Burundi.

Tubamenyeshe ko mu ngingo zimaze gufatwa na Leta kugira iyo ngwara irwanywe  harimwo guhagarika ibarwa  ry’ibitungwa bimwe bimwe  nk’impene, intama hamwe n’inka mu bice  bitandukanye  vy’igihugu. Igitungwa c’ingurube gisanzwe arico gisigaye  cane kw’isoko  muri ino minsi  gisigaye cihagazeko  ku bijanye n’ibiciro kigurwa  gikomeye canke uguze akanyama kaco.

 

Must Read