Thursday, December 1, 2022
HomeUbutunziIngwati y'imiriyoni 150 z'amafaranga y'amarundi niyo amashirahamwe mpuzamakungu akeneye abakozi b'abarundi azotanga.

Ingwati y’imiriyoni 150 z’amafaranga y’amarundi niyo amashirahamwe mpuzamakungu akeneye abakozi b’abarundi azotanga.

Amashirahamwe mpuzamakungu azoba akeneye gutwara abakozi b’abarundi mu bindi bihugu azobanza gutanga ingwati y’amafaranga y’amarundi angana imiriyoni 150. Kandi ayo mashirahamwe akazobanza kwandikwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu.Vyatangajwe kuri uyu wa 25 Myandagaro 2022 n’ubwo bushikiranganji hari mu kiganiro bwahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Nkuko vyamenyeshejwe na Sonia Niyubahwe asanzwe ari umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, nuko ishirahamwe rizoba rikeneye kujana abo bakozi gukorera mu bindi bihugu rizotanga ingwati y’amafaranga y’amarundi angana imiriyoni 100 maze rigahabwa uruhusha ruzomara imyaka ibiri. Mugihe naho iryo shirahamwe rishatse kwongereza amasezerano, rizoca ritanga imiriyoni 50.
Mu mugambwe CNL bobo babona ko gusaba ayo mashirahamwe mpuzamakungu izo miriyoni 150 bisa nko gukora urudandazwa kuri abo bakozi. Thérence MANIRAMBONA avugira uwo mugambwe ahamagarira nyabuna Leta gukwirikirana hafi ishirwa mu ngiro ry’amasezerano azoba yabaye hagati yayo n’ayo mashirahamwe. « …Gusabwa ayo mafaranga twumva umenga cabaye nk’icofasha Leta kuronka kumbure icemeza yuko ayo mashirahamwe azobikora neza mugabo kandi umenga nirwa rucuruzwa rukibandanya kuko imiriyoni 150 ni amafaranga atari make.Ariko kandi numva umenga hagiye imbere amafaranga cane gusumba aho kubanza gutunganya ivyo vyotuma bamaze gushikayo abo barundi bagira agateka kabo» Niko Thérence Manirambona abandanya avuga hari kuri mikoro y’abagenzi bacu b’iradiyo BONESHA FM.

Must Read