NEWS

Ingwara ya Ebola yiketswe mu ntara ya Muyinga

By

on

Umugwayi yerekena ibimenyetso vy’uwugwaye ingwara ya Ebola yaribonekeje kur’uyu wa mbere mu ntara ya Muyinga. Uwo mugwayi akaba yaravuye mu gihugu ca Tanzaniya gihana urubibe n’iyo ntara.

Uwo mugwayi akaba yaciye ajanwa kwa muganga ashirwa mu kibanza ca wenyenye. Abahinga muriyo ngwara baciye batumwako i Bujumbura bakaba bashitse mu ntara ya Muyinga haheze amasaha abiri y’urugendo.

Uwo mugwayi yaragiwe ibipimo vy’iyo ngwara ariko basanze adafise iyo ngwara. Mwomenya kw’iyo ngwara yica mu mwanya muto yibonekeje mu buseruko bw’igihugu ca Republika iharanira Demokarasi hafi y’urubibe ihana n’Uburundi. Ikaba imaze guhitana batari bake aho ico gihugu ca Congo kiguma gicandaga abenegihugu baco.

Recommended for you

1 Comment

  1. eebest8

    July 6, 2019 at 1:05 pm

    “Fantastic blog post. Cool.”

Leave a Reply

Your email address will not be published.