NEWS

Ingwara ya choléra na malaria vyateye mu ntara z’uburengero bw’Uburundi

By

on

Abantu bashika 12 341 baramaze gufatwa n’ingwara ya malaria mu ntara ya Bubanza. Ibitanda vy’abagwayi bikaba bitanguye gukena kuko abagwayi baguma baza ku bwinshi. Uwujejwe ubuvuzi mur’iyo ntara, Joël Bigirimana, akaba amenyesha ko ingingo zitari zike zimaze gufatwa nko gushinga amavuriro mato mato hafi y’imihana ashika 20. Ivyi ngo bikaba vyatumye abagwayi bavugwa kare kuko benshi baza kwivuza ari indembe.

Muganga Joel Bigirimana akamenyesha kandi ko inyigisho ziriko ziratangwa ku banyagihugu kugira bakoreshe imisegetera neza aho baryama kandi bagakura udushamba n’ibiziba hafi y’amazu yabo.

Ingwara ya choléra nayo iravugwa mu ntara ya Cibitoke na Bujumbura mairie. Mu ntara ya Cibitoke ikaba imaze kwibonekeza muri komine Rugombo aho abantu batanu bamaze gufatwa niyo ngwara yica ningoga.

Uwujewe ubuvuzi mu ntara ya Cibitoke, Firmin Habumuremyi, hamwe n’umuhanuzi wa buramatari Célestin Ndayahoze bahaye itegeko abenegihugu kwubaka utuzu twasugumwe abo nabo bakavuga k’utwo tuzu twasugumwe badufise ahubwo babuze amazi meza kuko bavoma bakongera bakamesera m’uruzi Nyakagunda. Abo banyagihugu barasaba ko boronswa amazi meza.

Iyo ngwara ya choléra yibonekeje kandi mu ntara ya Bujumbura mairie aho ivugwa muri komine Kanyosha no muri komine Cibitoke. Umushikiranganji Thadée Ndikumana ajejwe amagara y’abantu no kurwanya Sida arasaba ishirahamwe Regideso ko ryokwiragiza amazi meza mur’ivyo bice vyose bitagira amazi meza.

Recommended for you