Monday, May 29, 2023
HomeNewsIngwara LOLILO arwaye ndetse imubujije amahoro cane ngiyi hano yamenyekanye.

Ingwara LOLILO arwaye ndetse imubujije amahoro cane ngiyi hano yamenyekanye.

Isanamu y’ururirimbo “Akarwa k’Urukundo” rwa Lolilo yashizwe ku mugaragaro. Lolilo ariririmbana intimba avuga ingorane ziri hagati yo gukunda umuntu no kugira ubwoba bwo kubimubwira.

lolilo

Igitero ca mbere c’ururirimbo “Akarwa k’urukundo” ryasohorewe isanamu, kirimwo amajambo akwirikira :” Ese gukunda umuntu utari bumushikire ni nko kuririmbira igiti kitumva, nakunze umurondo kubera ubwiza bwiwe, sinashobora kuvuga ikiri mu mutima wanje. Naca iwabo iminsi yose yicaye munsi y’igiti ari kumwe n’abahungu bafise ico bandusha, ariko nabonyene bataha ataco bavuze…”

Lolilo abandanya ku citabirizo ariririmba ati :” kuri uyu munsi jewe ndiyahuye, ndakubwire ikindi mu mutima. Aho ubona jewe ndarwaye, ndashaka gukira ka karwara k’urukundo gafatira mu mutima.”

Imbere y’uko muraba mukumviriza n’amajambo ari mu ruririmbo, tubabwire ko Lolilo akunze gusohora amasanamu abonekamwo umugore wiwe Lizzo ariko iyi yoyo uwo ntabonekamwo.

Raba wongere wumvirize isanamu y’ururirimbo “Akarwa k’Urukundo” ka Lolilo

Must Read