Ingwano iriko ibera mu gihugu ca Ukraine ishobora kwunyura ibibazo bijanye no gufungura nabi mu karere ka Afrika y-ubuseruko uburundi buherereyemwo. Igisata ca ONU kijejwe ivy-imfungurwa PAM nico cagize uwo mwihwezo. PAM yibutsa ko ako karere kari gasanzwe gafise ingorane zitewe nuko imvura itaguye bikwiye mu kiringo c-imyaka itatu iheze.
Ingorane zijanye no kwinjiza ibidandazwa mu bihugu bigize akarere ka EAC , umwimbu muke hamwe n-iduzwa ry-ibiciro vy-ibifungurwa vyaturutse ku ntambara imaze igihe ibera muri Ukraine ishobora gutuma ibibazo vyo gufungura nabi vyongerekana kuruta mw-ivyo bihugu. Nkuko urubuga ngurukanabumenyi rwa relief.web rwavyerekanye kuri uyu wa mbere, Abahinga b-ishirahamwe PAM basigurako izo ngorane zitegerezwa kugira ingaruka mbi ku kungene ibifungurwa biboneka no ku biciro vyavyo na nyaburya ako karere gasanzwe kugarijwe n-ibibazo vyaturutse ku mvura yataze muri iy-imyaka itatu iheze.
Kubw-ivyo rero, abo bahinga bavuga ko naho ibifungurwa biva mu gihugu c-uburusiya no muri Ukraine ataho birinze guca atari vyinshi cane, ibice 90% vy-amavuta y-ibihoke yinjizwa mu Burundi no mu Rwanda ava mu gihugu ca Misiri, ico naco kikaba gisanzwe gikura amavuta yose ava muri ico giterwa mu burusiya no muri Ukraine. Ishirahamwe PAM rimenyesha rero ko mu gihe intambara iri hagati y-ivyo bihugu yobandanya, amavuta y-ibihoke azoduga mu gihugu ca Misiri , ibizogira ingaruka mbi ku masoko y-uburundi no mu Rwanda.