NEWS

Ingoro nshasha y’Umukuru w’igihugu yinjiwe kur’uyu wa gatanu

By

on

Inzego nyinshi z’Uburundi zari zikoraniye kur’uyu wa gatanu ku kirimba gishasha c’Umukuru w’igihugu c’ubutswe muri komine Mutimbuzi, province Bujumbura. Ico kirimba kikaba cubatswe n’igihugu c’Ubushinwa, ikaba ari ingabire yahawe n’ico gihugu c’Ubuchinwa.

 

Iyo ngoro ikaba yaciye igenderwa n’Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, n’abandi banyenicubahiro bari murico kibanza. Eka n’abaserukira ibihugu vyabo m’Uburundi bakaba ariho bari bari. Uwuserukira Ubuchinwa m’Uburundi yashimiye abubatsi baba chinwa bubatse iyo nzu igerekeranye gatatu. Akaba yanashimiye abarundi bakoze ibishoboka kugira iyo nyubakwa yatanguye kwubakwa mu mwaka wa 2015 yuzure.

Uwo aserukira igihugu c’Ubuchinwa m’Uburundi akaba yamenyesheje ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubuchinwa yifashe neza cane. Agasaba Leta y’Uburundi ko bobandanya bakorana ibikorwa bikomeye biranga iterambere ry’igihugu.

Umukuru w’igihugu, Pierre Nkurunziza, akaba yashimiye Imana yabahaye ingoro nkiyo, akaba yamenyesheje ko basezereye gupanga kuva Uburundi bucikukira. Président Nkurunziza akaba yasiguye igituma yise iyo ngoro Ntare Rushatsi, akavuga ko Uwo Mwami wambere w’Uburundi yunze Uburundi abukuramwo ubudumbindumbi bw”bami bato bato. Président Nkurunziza akaba yamenyesheje ko ukwubaka Uburundi bibandanya nkuko Umwami Ntare Rushatsi yadutanguriye. Akamenyesha ko ingomero z’umuyagankuba 7 ziriko zirubakwa inyuma yaho Président Bagaza yubatse izindi ngomero z’umuyagankuba zitatu.

Recommended for you