Sunday, May 28, 2023
HomeLoveIngo 336 zarahukanye imbere y’amategeko mu gisagara ca Bujumbura mw’uy’umwaka...

Ingo 336 zarahukanye imbere y’amategeko mu gisagara ca Bujumbura mw’uy’umwaka wa 2022.

Mw’uy’umwaka wa 2022, Ingo zirenga 300 nizo zahukanye biciye mu mategeko mu makomine atatu agize igisagara ca Bujumbura, ariyo Ntahangwa, Muha na Mukaza . Bikaba bishikirizwa na Agnes Bangiricenge , umuvugizi wa sentare Ntahinyizwa. Mbega ukwo kwahukana kungana ukwo kwose kwoba kwatewe n’iki

African American couple having relationship difficulties at home.

Ibitigiri vy’abahukanye biciye mu mategeko biguma biba binini mu gisagara ca Bujumbura. Mw’uy’umwaka wa 2022, Agnes Bangiricenge avugira sentare Ntahinyuzwa amenyesha ko Ingo zigera ku 336 arizo zamenyekanye ko zahukanye imbere y’amategeko mu makomine ya Ntahangwa, Muha na Mukaza.

Muri komine ya Ntahangwa, Zone ya Cibitoke ifise ibitigiri 24, Kamenge:38, Gihosha:21, Kinama :61, Buterere:9 na Ngagara :22. Muri Komine Muha, Zone ya Rohero: 21, Bwiza:20, Buyenzi:12 na Nyakabiga:22. Muri Komine Mukaza, Zone ya Kanyosha:39, Kinindo:31 na Musaga:16

Umuhinga muvy’inyifato Josiane Ciza yavuganye n’ikinyamakuru Burundi Eco, amenyesha ko ivyo bitigiri vy’abahukanye mu gisagara ca Bujumbura biteye ubwoba cane. Kubwiwe, imvo zibituma ni nyishi cane. ″ bamwe mu bagabo bibaza ko umugore ari uwo gufata nkukwo ushaka nko mu misi iheze. Bariha kandi uburenganzira bwo gukubita abagore babo , bakabima uburenganzira bwo kuvuga n’ubwigenge. Hatayeko kandi, bamwe mu bagore barimwa uburenganzira bwo kuja gukora akazi,bagategekwa kuguma muhira kugira bakore ibikorwa vyo mu nzu vyonyene‟ Niko Ciza Josiane asigura.
Ciza arongera akavuga ko hariho abagore badafise uburenganzira bwo gutunganya imishahara yabo , bagaca basabwa gushira imisahahara yabo bagihembwa ku makonte yo muri banke abagabo babo bugururijeko kandi ata masezerano canke ukwumvikana vyabayemwo.

Uwo muhinga agahanura abo bagabo bakimeze ukwo guhindura iyo ngendo ku neza no ku nyungu y’ingo zabo, kubera Abagore batari bake b’iki gihe ca none batakicemera gufatwa ukwo.Nyimba umugabo amufashe ukwo, Acabona ko atayindi nzira asigaranye Atari ukwahukana, nikwo Uwo muhinga ashimangira avuga.

Must Read