NEWS

Ingingo z’umukuru w’igisagara ca Bujumbura zoba zigiye kugabanya ikiza ca choléra cateye ?

By

on

Mwitangazo Freddy Mbonimpa, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, yasohoye kur’uyu wa mbere yamenyesheje ko amazone abangamiwe n’ikiza ca choléra ari Kanyosha, Buterere, Buyenzi na Cibitoke. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyesha ko iyo ngwara yica ningoga iyo itavuwe kandi kabantu bashika 126 bamaze gufatwa niyo ngwara mu gisagara ca Bujumbura.

Freddy Mbonimpa arasaba abanyagisagara gukurikiza amabwirizwa cumi y’isuku, gutabariza uwufashwe ku numero 113 hamwe no kumushikana kwa muganga ku bitaro Prince Régent Charles ngo kuko arivyo vyonyene vyakira abafashwe na choléra mu gisagara ca Bujumbura.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyesha ko abantu bashika batanu bafatwa na choléra kumusi kandi ko hariho amazu y’uburiro n’ubunywero adakwije vyagombwa vy’isuku yugawe muga agaca yugururwa. Freddy Mbonimpa arasaba ko ayo mazu atosubira kugururwa abajejwe amagara y’abantu n’isuku batabonye ko ivyangombwa bikwiye.

Izindi ngingo kandi zaciye zifatwa n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura nko kubuza abadandaza imfungurwa n’ivyamwa kw’ibarabara hafi y’imisere no kuma parking. Birabujijwe kandi kuvoma amazi y’inzuzi kumvo iyariyo yose. Ariko abanegihugu bahora bakora ako kazi bakavuga ko bagiye kwicwa n’inzara mu gihe batazoba bariko barakora.

Recommended for you