NEWS

Ingingo zikomeye ku Burundi ziritezwe mu masaha make

on

Inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ihava ifata ingingo zikomeye ku Burundi mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane mu masaha y’i Bujumbura.

Izo ngingo zifatwa inyuma y’aho Ubufaransa bushikirije ibisabwa ko vyoshirwa mu ngingo zihava zifatirwa Uburundi.
Izo ngingo z’Ubufaransa zisaba ko amahanga yogira uruhara mu gutorera inyishu ibibazo vy’Uburundi, ku mutekano muke wibonekeza mu Burundi. Mu gihe vyoba nkenerwa, n’ingabo za ONU zibungabunga amahoro zishobora kurungikwa mu Burundi.

onu

Mwomenya ko bitegekanijwe ko kuri uwu wa kane inama ijejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ariho ihava itora itegeko ku Burundi. Azoba ari igihe c’isaha zitandatu n’iminota cumi n’itanu mu masaha yo muri Reta zunzubumwe za Amerika, ni ukuvuga kw’isaha imwe n’iminota cumi n’itanu z’ijoro mu masaha y’i Bujumbura.