NEWS

Ingingo Y’Uburundi Yo Kuva Muri CPI Irateye Impungenge Muri ONU.

on

Umugwi wigenga wo muri ONU ujejwe amatohoza ku Burundi waragize ico ushikiriza ejo ku musi wa gatanu i New York, umusi wahuriranye nuko Uburundi buvuye burundu muri Sentare Mpuzamakungu Mpanabvayaha CPI. Uyo murwi washikirije amatohoza yakozwe ku mabi yakozwe mu Burundi kuva 2015. Mwibuke ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryagiriza bamwe mu bagize Leta Y’Uburundi na bamwe mu batavuga rumwe na Leta ko bakoze amabi y ‘agahomerabunwa( Crimes contre l’humanité).

Ariko kubera ko vyahuriranye nuko Uburundi bwafashe igingo yo kuva muri CPI kandi hakaba hariko hategurwa uguhinyanyura ibwirizwa Shingiro gushobora gutuma Pirerre Nkurunziza aguma ku butegetsi gushika mu mwaka wa 2034, uwo murwi ivyo wari wateguye gushikiriza i New York vyahavuye bifata uyundi murongo.

Mu makuru dukesha Radiyo France Internationale, i New york barakubiswe n’inkuba kwumva ko hariko hategurwa ko Ibwirizwa shingiro ryohindurwa maze umukuru w’igihugu ahari ubu abandanye atwara gushika mu mwaka wa 2034.

Fatsah Ougergouz, umukuru w’Umugwi wigenga wahawe gukora amatohoza ku Burundi, yamenyesheje gutya : « Uguhinyanyura ibwiriza Shingiro, sinzi uko bizomera, gushobora gushikana ku yandi mabi ashobora gukorwa kandi, ariko biribonekeza ko ibintu bishobora kwunyuka. Vyose bizovana n’ibizoba vyahinyanyuwe bizoja ahabona. Harashobora kwibazwa ivyo kwongereza ibiringo vy’Umukuru w’igihugu, ariko kandi ku bijanye n’igabangana ry’ubutegetsi mu bwoko ».

Uyo mugwi wigenga kandi warerekanye amakenga yawo ko amabi yakozwe mu Burunid yose bitatumye abagirrizwa bahanwa.Ariko ivyo bikaba bicibazwa uko bizogenda na rirya Uburundi butakiri munsi yaya Sentare Mapanavyaha CPI ; ariko umuvugizi wa CPI yaraye amenyesheje ko kubona Uburundi bwavuye muri CPI bidaca bisobanura ko CPI itagifise ububasha ku Burundi mu bijanye no gukurikirana abakoze amabi.

Françoise Hampson, nawe kandi agize uyo murwi wigenga ukora amatohoza ku burundi, yamenyesheje gutya : « Nibaza ko naho CPI itagifise ububasha bwo gukurikirana ibibera mu Burundi, iyo Sentare izoronka ububasha bwo gukorera ku mabi yagiye ahabona yakozwe mu gihe Uburundi bwari bukiri muri CPI. Rero ibi ntibihereye ngaha, kandi si ngombwa ».

Recommended for you