NEWS

Ingingo yabuza kwiga abigeme batwaye inda baciga yahagaritswe!

on

Mu rwandiko rwagiye ahabona ku wa 27 Mukakaro 2018, umushikiranganji w’indero, Janviere Ndirahisha, asa nuwivuguruza ku rwandiko yaheruka gushira ahabona ko ‘abana b’abakobwa batwaye inda hamwe n’abahungu babateje inda batazosubira kwiga’.

Janviere Ndirahisha akaba yasavye ko abategetsi bahagarariye indero mu ntara nomu makomine (DPE na DCE) ‘bokwakira mu mashure nk’uko vyahora abigeme batejwe inda badashaka’.

Bikagaragara ko iyo ngingo isa niyahagaze kubera ko yabonwa na benshi ko ari guhonyanga agateka ka zina muntu.

Amashirahamwe nka Human Rights Watch akaba yari yatanguye gusemerera yiyamiriza iyo ngingo kubera ko ‘vyagaragara ko abana b’abakobwa bagiye gucinyizwa na rirya ata buryo buhanitse buhari mu Burundi bwo gupima neza mu vy’ukutri ninde aba yateye inda uwundi’.

Igihugu c’Uburundi kikaba cari cahambije Tanzaniya mu kubuza abakobwa n’abahungu bahisemwo kuvyara bacihga kudasubira kwiga.

Recommended for you