Ingabo z’uburusiya ziri kurwanira mu gihugu ca Ukraine zahisemwo guhunga igihe ingabo za ukraine ziriko zigarurira ibisagara bikomakomeye biri mu buseruko bwa ukraine. Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yaraye atangaje kuri uyu wa gatandatu ko kuva ukraine itanguye ibitero vyo kwivuna umwansi mu ntango z’ukwezi kw’icenda, imaze kubohoza ubutaka bufise ibirometero kwadarato 2000 bwari bwigaruriwe n’uburusiya.
Abategetsi ba Ukraine baraye batangaje ko ingabo zabo zinjiye mu gisagara ca kupiansk, igisagara ukraine ifata nka ngirakamaro kuko arico ingabo z’uburusiya zacishamwo uburyo bwazo bwa gisirikare. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’uburusiya buvuga kandi ko ingabo zabwo zavuye mu gisagara ca Izyum kugira ngo ‘zisubire zisunganye’. Ubwo bushikiranganji buremeza nyene ko ingabo z’uburusiya zavuye mu kindi gisagara kigira gatatu ca Balaklyia mu ntumbero yo kwongereza inguvu ku rugamba rwa Donetsk.
Abasanzwe bakurikiranira hagufi ivy’intambara ihuza ukraine n’uburusiya bemeza ko izi ntambwe zaraye zitewe n’ingabo za Ukraine mu gihe zorama zoba arizo za mbere zikomeye kuva ingabo z’uburusiya zomotse zigata zigahunga mu micungararo y’umurwa mukuru wa Kiev hari mu kwezi kwa Ndamukiza uy’umwaka.
Nkuko tubisoma ku rubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, Iz’intambwe kandi zizofatwa nk’ikimenyetso c’uko igisirikare ca Ukraine gifise ubushobozi bwo kwisubiza ubundi burere bwigaruriwe n’uburusiya kandi zikazoba ari kirumara mu gihe ukraine ibandanya isaba incuti zayo zo mu bihugu vyo mu burengero ko zobandanya ziyifata mu mugongo mu buryo bwa gisirikare.