Sunday, March 26, 2023
HomeNewsIngabo z'uburundi ziri muri Somaliya zasubiriye igikorwa co guhiga ibisigarira vy'abagenzi babo...

Ingabo z’uburundi ziri muri Somaliya zasubiriye igikorwa co guhiga ibisigarira vy’abagenzi babo biciwe El-Baraf.

Ingabo z’uburundi ziri mu butumwa bwo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya zarasubiriye kuva kuri uyu wa mbere igikorwa co kurondera ibisigarira vy’abasirikare basize ubuzima mu gitero ca Al-Shabab cabereye El-Baraf ku kirindiro c’izo ngabo z’uburundi, hari kuwa 3 Rusama 2022.Image

Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi ry’abanyagihugu, RPA, nuko kuri uyu wa mbere izo ngabo zashoboye kuronka ibisigarira vy’abasoda bane. Ico gikorwa kikaba cabandanije no kuri uyu wa kabiri. Ico gikorwa nticoroheye izo ngabo kuko ako karere gashingagiwemwo ibisasu bita «mine» mu rurimi rw’igifaransa.

Tubibutse ko igitero co kuwa 3 Rusama 2022  cahitanye abasirikare b’abarundi  barenga 30. Ibiziga vyari bimaze kuboneka imbere yaho bikaba ari 7.

 

Must Read