NEWS

Ingabisho y’Ubuserukizi Bwa Amerika Mu Burundi Muri Iki gihe C’amatora.

on

Muri iki gihe c’amatora mu Burundi, ubuserukizi bwa Leta Zunze Ubumwe Za Amerika mu Burundi bwasohoye ingabisho ku vyoshobora gushika.Na cane cane ku Banyamerikaa baba mu Burundi bakaba bagabishijwe.

Iryo tangazo rivuga riti: ” Uburundi burakora amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro ku wa 17 Rusama 2018, kugira hihwezwe ko hari ivyohinyanyurwa muri ryo vyashizwe ahabona na leta y’Uburundi. Ubukozi bw’ikibi cake imigumuko ntivyitezwe muri iki gihe c’amatora, ariko imitororokano yo gushigikira canke kudashigikira ko ibwirizwa shingiro rihinyanyurwa hamwe n’ivyavuyemwo ishobora kuba”.

Ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi bukaba bwamenyesheje ivyo gukora bihamabye muri iki gihe c’amatora mu Burundi. Navyo akaba ari ibi:

1)Ihweze neza ico ibinyamakuru vyo Mu Burundi bivuga.
2)Irinde imigwi y’Abantu hamwe n’imyiyerekano.
3)Ntiwiyerekana cane bidakenewe.
4)Urabe neza ibigukikije.
5)Ihweze neza imigambi yawe ijanye n’umutekano wawe.
6)Raba neza ko inkaratasi zawe z’inzira ziri ku gihe kandi ko ziri hafi cane uzironka bitagoranye.
7)Itwaze icangombwa kikudondora neza, harimwo Passport ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Visa.

Recommended for you