INTERNATIONAL NEWS

Indoneziya: Nyamugigima ikaze yahitanye abantu 91.

on

Ku musi wa mungu ejo mu gihugu co muri Aziya y’ubumanuko bushira ubuseruko arico Indoneziya, habaye ikinyamugigima cahitanye abantu bagera kuri 91, hama gisiga abandi ibihumbi bakomeretse.

Ku makuru ashikirizwa n’ibinymakuru vy’aho muri Indonesie, bikamenyeshwa ko ico kinyamugigima capima 7.0 hakoreshejwe igipimo co gupima nyamugigima ca Richter, cakubise cane cane izinga rya Indonesie ariryo Lombok maze bituma abantu ibihumbi bakurwa mu mazu yabo.

Ingenzi n’abanyagihugu baho Indonesie baka batewe ubwoba cane maze ico kinyamugigima kikaba cumvikanye no mwizinga ryegeranye na lombok ariryo Bali.

Abantu babuze ubuzima muri ico kinyaugigima gikomeye bakaba babandanya biyongera kuko hakibandanya kurondera aboba babuze ubuzima mu bibomeke vy’amazu.

Igihugu ca Indonesie co kimwe n’ibindi bihugu vyo muri Aziya y’Ubumanuko bushira ubuseruko birakunzwe kwibasirwa cane n’ibinyamugigima, tutibagiye igihugu c’Ubuyapani cama cibasiwe cane na nymugigima hamwe n’imyuzure.

Recommended for you