Sunday, May 28, 2023
HomeNewsIndirimbo za Methuselah zirakundwa cane mubarundi, unviriza ururirimbo rwiwe rushasha !

Indirimbo za Methuselah zirakundwa cane mubarundi, unviriza ururirimbo rwiwe rushasha !

Umuririnvyi rurangiranwa abantu bose bemeza w’umurundi aba hano muri Leta zunze ubumwe za America ( Dallas Texas ) Methuselah Nzisabira Yashize ururirimbo rwiwe rushasha rwo gushimira abantu bose bari bitabiriye ubugeni buheruka kubera muri Boise Idaho .

Wedding
Ubu nibwo Bukwe bwabereye muri Boise Idaho !

Mumajambo ari mururwo ruririmbo rushasha, Methuselah yagize ati : Ndashimira Imana kubitangaza yakoze itariki 27 zukundwi muruno mwaka turimwo, Ubugeni bwabereye muri Boise, Idaho bwaranshimishije bimwe birenze urugero.

Umunyamakuru wa UBMNews yahise amubaza impanvu yiyunviriye kuririmba ururirimbo rujanye nubwo bugeni, aho Methuselah yagize ati :

Nuko nanezerewe cane ukuntu urubanza rwa Rahai na Jean-paul mbonye ukuntu rwagenze neza mumwanya mutoya. nitegereje ukuntu abataribake bitayeho urwo rubanza rwabo vyaranshimishije cane bica bituma ndirimba uri ruririmbo.

Methuselah
Uyu ni Methuselah Nzisabira arikumwe naba Cousin ”

Unviririza runo Ruririmbo hano Musi ukuntu rumeze neza cane !

Ahimbazwe umutabazi

UBMNews reka tubibutse ko Methuselah Nzisabira arumwe mubaririnvyi rurangiranwa babarundi baba hano muri America bazi kuririmba kandi akaba asanzwe afite ni Studio yiwe bwite asanzwe akoresha muguhinyanyura indirimbo.

Must Read