NEWS

Indirimbo y’amateka adasanzwe ya CNDD FDD yahawe agashimwe

on

Inyuma y’iminsi indwi gusa yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko ashimishwa n’uko indirimbo yakoze ihuza Abarundi bo mu moko yose n’intara zose, umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Maréchal FEMI DE J’ABAT yaronkejwe agashimwe kagizwe n’ibahasha y’amafaranga y’amadorare agera ku gihumbi kimwe.

Ako gashimwe yakaronkejwe n’umurwi w’Abarundi baba mu mahanga batashimye kwivuga izina. Emile NIMUBONA, uwo abatanze iyo bahasha baciyeko kugira ayishikirize NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Maréchal FEMI DE J’ABAT avuga ko ubutumwa buri mu ndirimbo z’uwo muririmvyi zakoze ku mitima y’abagize ico ciyumviro c’ukumuha agashimwe.

« Haraheze imyaka itari mike havutse imigwi ya WhatsApp, aho usanga umuntu ari mu migwi myinshi. Abantu rero turi mu migwi ya WhatsApp itandukanye twasanze indirimbo za FEMI ziguma zigaruka kenshi cane kanatsinda zirimwo amajambo n’ivyiyumviro vyaranze ubuzima bwacu kuva tukiri bato gushika n’ubu. Niho twaca twumvikana ko umuntu nk’uwo twomugirira akantu atazopfa yibagiye. Aho nobamenyesha ko uwo muriririmvyi ruranguranwa Femi atavyo yari azi na gatoya. »

Agashimwe ku ruririmbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD

Ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD (Hymne du CNDD FDD) ni rumwe mu ndirimbo za NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Maréchal FEMI DE J’ABAT, akaba ari narwo rwatowe mu zindi, ruhabwa ako gashimwe kashikirijwe uwo muririmvyi. Emile NIMUBONA amaze imyaka 15 aba mu gihugu ca Norvège arasigura igituma urwo ruririmbo rwatowe mu zindi.

« Irya Hymne twasanze ari indiririmbo idasanzwe ku gihugu cacu. Ni indirimbo idasanzwe iruhura imitima ya benshi yahababutse kubera ibihe bibi cane igihugu cacu caciyemwo. Ifise ubutumwa bwiza cane buhuza bugahumuriza Abenegihugu bose mu budasa bwabo. Amajambo meza ayirimwo ni umuti kuri bene Burundi twese uvura akaranda k’amacakubiri, urwanko n’inzigo, akarenganyo n’agacinyizo vyo soko y’intambara zahekuye imiryango myinshi yacu twese. Ni indirimbo idasanzwe ihezagiwe cane kanatsinda iririmbwa mu gihugu cose no mu mahanga n’abato n’abakuze . Umuntu Imana yateye iteka rinini ryo kuyidukorera twoba turi intashima tutamushimiye akiriho. »

Emile NIMUBONA, uwo abatanze iyo bahasha baciyeko kugira ayishikirize NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Maréchal FEMI DE J’ABAT

NIMUBONA ahamagarira Abarundi kugira umutima w’ugushimira umuntu akiriho, kuko ari umuco w’ingirakamaro.

« Numvise ko naronse agashimwe narakangutse”

Umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Maréchal FEMI DE J’ABAT avuga ko acumva ko hari abantu atazi bamuhaye agashimwe k’amadolari 1000 yakangutse, kuko ku bwiwe ari ibintu atari bwumve na rimwe mu buzima bwiwe.

« Ntabwo nanezerewe muri aka kanya kuko sinemera neza ko arivyo abantu ntazi kumpa amahera menshi nkayo. Naciye ndamubaza kandi nti abo bantu udashatse kumbwira nyamahera bakubwiye ico bayampereye? Niko rero guca ansigurira ko ari kubera indirimbo zanje bakunda ngo na cane cane Hymne nakoze ya CNDD-FDD ngo ni indirimbo idasanzwe ifasha Abenegihugu kurengera amabi baciyemwo ngo ikongera ikabanywanisha no kubakundisha igihugu cabo. Numvise umunezero udasanzwe mwinshi cane mu mutima wanje. Nkaba ndabashimiye cane gose narirya ariryo rya mbere kuva mbaho mbona igitangaza nk’ico ku bantu ntazi. Imana yuzuze aho bakuye hame imisesekara.

NSENGIYUMVA MINANI Félicien yanditse ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD uwo mugambwe ukiri umuhari, urwo ruririmbo akaba yarusubiriyemwo incuro zitatu, nk’uko abishikiriza, ahereye kuva igihe CNDD FDD yatwarwa na Leonard NYANGOMA, yongera arusubiramwo igihe uwo muhari watwarwa na Jean Bosco NDAYIKENGURUKIYE, yongera kandi arusubiramwo n’igihe uwo muhari watwarwa n’uwurongoye ubu igihugu c’Uburundi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Ururirimbo rwakorewe mu buhungiro.

Uwo yakoze urwo ruririmbo avuga ko ata muntu n’umwe yamusavye kurukora, ko ariwe wenyene yavyibwirije kubera yavyiyumvamwo mu mutima wiwe kubera ibihe bigoye kandi bibabaje cane igihugu camwibarutse carimwo. Yari asanzwe amenyereye ivyo gukora indirimbo zihayagiza imigambwe, aho agatanga akarorero k’ururirimbo yakoze ruhayagiza umugambwe PP ( Parti du Peuple) hamwe n’uruhayagiza ishure ETP ry’i Gitega uwo muririmvyi yizeko mu mwaka w’1991.
Mu ntambara y’umwaka w’1993 yakurikiye igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE, NSENGIYUMVA MINANI Felicien yahungiye i Uvira, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ari naho yakoreye ururirimbo ruhayagiza ubu umugambwe CNDD FDD.

« Hymne ya CNDD-FDD nayikoreye i Uvira muri Congo aho bita Mulongwe mu mwaka w’1995, nari mu buhungiro mbaye ho nk’impunzi. Iyo Hymne rero ntanumwe yabinsavye ngo nindayikore, kubera ko nari nsanzwe ndirimba nkora n’ibiteramo ngaho nyene i Uvira vyaranjemwo kwiyumvira kuyikora, narayitunganije jewe nyene mpejeje nca ndondera abatware ndayibereka baca barayishima, yaba amajambo canke mélodie natungaije, vyose barabishimye cane gose ntaco bakuyeko canke ngo bongeremwo. Iyo Hymne nakoze niyo yugurura ikongera ikugara iradiyo ya CNDD-FDD yitwa RUTOMORANGINGO yahavuye yitwa mu nyuma Radio Demokarasi. Narumva agahinda kenshi mu mutima kubera ibihe bibi cane igihugu cacu carimwo aho abantu mu moko yose ahanini ata gaciro bari bagifise, baricwa nabi izuba riva. Ni naco gituma uyumvirije mvugira Abarundi bose kuko ngaho nyene mu buhungiro nari hari abava mu moko yose. »

Urwo ruririmbo rwakorewe i Uvira muri Congo aho bita Mulongwe. Abo mubona ni abari bahaye ubuhungiro NSENGIYUMVA MINANI Félicien, akaba ashima ko yafashe akanya ko kuja kubagenda no kubashimira bakiriko inyuma y’imyaka 20 yari ihaciye batabonanana. Inyuma y’umwaka umwe gusa avuye kubaraba uyo mu mama yaciye yitaba Imana.

N’aho urwo ruririmbo rwashimwe n’abari barongoye umuhari CNDD, umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien avuga atorohewe.

« N’agasho narakagiyemwo ndanagarukira kenshi ku munwa w’urupfu kubera iyo ndirimbo. Kumbure ngira biri mu bitera bamwe kurira iyo bariko barayiririmba kuko uwayikoze nawene yaraciye mu marira n’umubabaro, mu bihe vyari bitari vyoroshe bimwe umwana arira nyina ntiyumve. Ariko ndashima cane Imana yo yanzigamye muri ivyo bihe, ikampa umutima wo kurinda cane no kwihangana mpaka ndayikora, uno musi yarabaye umugisha munini kuri benshi no ku gihugu cacu, n’ubwo hariho abo ihezagira cane mugabo batazi uwayibakoreye uwariwe kandi akiriho . Abo bavukanyi ntazi uretse uwo umwe gusa baciyeko, barankoreye ikintu gihambaye ntazopfa nibagiye nkiriho, yarabahezagiye nabo ngabo nanje barampezagiye. Imana ibishimirwe cane. »

Umuririmvyi NSENGIYUMVA Minani Félicien amaze kubona ko ururirimbo yakoze Imana yaruhezagiye cane rukaba urw’amateka akomeye cane n’umugisha munini ku Barundi isinzi no ku gihugu ciwe, yarafashe urugendo mu mwaka w’2014 avuye muri Norvege aja kwifotoza ifoto y’icibutso yicaye imbere y’akazu yarwandikiyemwo ari mu buhungiro mu mwaka w’1995.

Marechal FEMI DE J’ABAT ahanura abakora ineza kugumana umwizero, kuko hari abaca intege abandi mu kubabwira ko uwabirimye atariwe yabiriye. Abakora ivyiza ntibabironkere impera ababwira ati : « Ukora ineza ukayisanga imbere kandi akenshi iyo neza uyikorerwa n’uwo utaziga nk’uko nanje uno musi ndiko ndashimirwa n’abantu ntazi. Ivyo ndavyita ibitangaza vy’Imana. »

Marechal FEMI DE J’ABAT

18 Comments

  1. my response

    July 15, 2019 at 1:04 am

    I simply want to say I am just beginner to weblog and definitely savored you’re web site. Very likely I’m planning to bookmark your website . You actually come with great posts. Cheers for sharing with us your web site.

  2. Best Porno escorts

    July 17, 2019 at 9:25 pm

    Hiya, I’m really glad I have found this info. Today bloggers publish just about gossips and net and this is really frustrating. A good website with exciting content, that is what I need. Thanks for keeping this web-site, I will be visiting it. Do you do newsletters? Cant find it.

  3. I think this is one of the most important information for me. And i’m glad reading your article. But wanna remark on some general things, The website style is ideal, the articles is really excellent : D. Good job, cheers

  4. Indoor sauna assembly service

    July 18, 2019 at 5:39 am

    Nice blog! Is your theme custom made or did you download it from somewhere? A theme like yours with a few simple tweeks would really make my blog shine. Please let me know where you got your theme. With thanks

  5. Walmart furniture assembly

    July 18, 2019 at 8:17 am

    Thanks for your posting on the traveling industry. I’d personally also like contribute that if you are a senior taking into account traveling, its absolutely crucial that you buy travel cover for elderly people. When traveling, retirees are at biggest risk of getting a health care emergency. Obtaining right insurance package on your age group can safeguard your health and provide peace of mind.

  6. cubicle installation

    July 18, 2019 at 4:47 pm

    A person essentially help to make seriously posts I would state. This is the very first time I frequented your web page and thus far? I amazed with the research you made to create this particular publish amazing. Excellent job!

  7. Furniture installation service

    July 19, 2019 at 2:11 am

    Somebody essentially help to make significantly posts I would state. That is the very first time I frequented your website page and up to now? I amazed with the research you made to create this actual submit amazing. Magnificent process!

  8. John Deere Technical Manuals

    July 19, 2019 at 6:42 am

    Hello! I would choose to supply a huge thumbs up with the great info you have here with this post. I will be returning to your website to get more soon.

  9. indian

    July 19, 2019 at 8:36 am

    It is truly a nice and helpful piece of information. I am satisfied that you shared this useful information with us. Please keep us up to date like this. Thank you for sharing.

  10. Washington DC movers

    July 19, 2019 at 10:05 am

    Some really choice content on this site, saved to bookmarks .

  11. Ekim

    July 19, 2019 at 11:42 am

    My spouse and i have been quite satisfied that Chris managed to carry out his basic research while using the ideas he made from your site. It is now and again perplexing just to continually be giving freely thoughts which usually a number of people could have been making money from. And we recognize we’ve got the blog owner to appreciate because of that. The main illustrations you have made, the straightforward site navigation, the relationships you will make it possible to engender – it’s most astonishing, and it’s really helping our son and our family do think the matter is interesting, which is certainly especially essential. Thank you for the whole thing!

  12. W88 Thai

    July 19, 2019 at 12:08 pm

    Great write-up, I’m regular visitor of one’s web site, maintain up the nice operate, and It is going to be a regular visitor for a lengthy time.

  13. W88th.com

    July 19, 2019 at 8:51 pm

    I’ve been browsing on-line greater than 3 hours these days, yet I by no means found any fascinating article like yours. It’s beautiful price enough for me. In my opinion, if all webmasters and bloggers made excellent content material as you did, the internet will likely be much more helpful than ever before.

  14. Movers

    July 20, 2019 at 3:13 am

    I was just searching for this info for some time. After six hours of continuous Googleing, at last I got it in your website. I wonder what’s the lack of Google strategy that don’t rank this kind of informative sites in top of the list. Generally the top websites are full of garbage.

  15. elliptical installation

    July 20, 2019 at 1:56 pm

    Thank you, I have just been looking for info about this topic for ages and yours is the best I have discovered so far. But, what in regards to the conclusion? Are you sure in regards to the supply?

  16. how to trade binary options successfully

    July 20, 2019 at 5:04 pm

    I have realized that online education is getting popular because obtaining your degree online has changed into a popular solution for many people. A lot of people have not really had an opportunity to attend a regular college or university although seek the improved earning possibilities and a better job that a Bachelor Degree gives. Still other folks might have a degree in one field but would wish to pursue one thing they now have an interest in.

  17. New york Furniture assembly

    July 20, 2019 at 6:15 pm

    Please let me know if you’re looking for a writer for your site. You have some really great posts and I feel I would be a good asset. If you ever want to take some of the load off, I’d absolutely love to write some material for your blog in exchange for a link back to mine. Please shoot me an e-mail if interested. Cheers!

  18. binary options crypto

    July 20, 2019 at 6:54 pm

    Wow that was unusual. I just wrote an incredibly long comment but after I clicked submit my comment didn’t show up. Grrrr… well I’m not writing all that over again. Anyways, just wanted to say excellent blog!

Leave a Reply

Your email address will not be published.