Indirimbo nshasha igezweho murino minsi yakunzwe nabatari bake y’umuririmvyi rurangiranwa ” Nzeyimana Mkombozi ” yatanguye guhagarikwa kuvuzwa kuri zimwe munsamirizi zikorera mu Burundi aho ubu kuri Radio Rema FM abarongozi barongoye ino radio batanze itegeko ryuko ino ndirimbo itosubira kuvuzwa kunsamirizi yabo.
Nkuko ano makuru abandanya yemezwa numwe mubamenyeshamakuru aba mu Burundi, we yavuze ko Radio Rema FM yafashe umwanzuro wo guhagarika kuvuza ino ndirimbo ngo kubera majambo amwe ayirimwo.
UBM News tubibutse ko ino ndirimbo ya Mkombozi ari imwe muyiriko iravugwako vyinshi cane aho bamwe bemeza ko uno muririmvyi afise impano ikomeye yokuririmba amajambo y’inkoramutima.