INTERNATIONAL NEWS

Indege y’Uburusiya Yaciye Hejuru y’Imetero Imwe n’igice (1,5 m)Hejuru y’Indege Isuma Urusaku Ya Amerika Hejuru y’Ikiyaga ca Baltique.

on

Inyuma yaho ibihugu vya Leta Zunze Ubumwe Za Amerika n’Uburusiya bitanguye guterana amajambo ku vyerekeye intambara yo muri Syria, maze Uburusiya buvuga ko buzorasa indege za amerika muri Syria hamwe nizumugwi uyobowe na USA muri Syria ujejwe kurwanya Umuhari w’iterabwoba Etat Islamique, ejo kumusi wa kabiri ibara ryaraye rihatswe kugwa aho indege y’Uburusiya yaciye hejuru y’imetero zitanu hejuru y’indege isuma urusaku ya Amerika hejuru y’ikiyaga ca Baltique, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Amerika.

Ivyo vyagaragaye ko bitari vyubahirije umutekano kubera umuvuduko munini w’izo ndege ko ari zibiri, nk’uko abo bategetsi babandanya kubivuga.
Ariko Uburusiya bwamiriye kure ivyo bivugwa, buvuga ko iyo ndege ya Amerika “yasomborokeje” iyo Uburusiya.

Muri uwo mwanya nyene haciye haza indege ya OTAN itwaye umushikiranganji wo kwivuna abansi wa OTAN, Ishirahamwe ryagiyeho mu buryo bwo kwikurako icahoze citwa URSS, ari bwo Burusiya mwa kino gihe, maze iyo ndege nayo nyene yaciye itangirwa nindege y’Uburusiya.

Ivyo biri uko mu gihe ibihugu bigize OTAN harimwo Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, biriko biratwara abasoda benshi cane ku mupaka w’igihugu c’Uburusiya nkaho umenga biteguriye intambara n’uburusiya. Ingabo za OTAN nyinshi zicumbitse mu gihugu ca Pologne,igihugu gihana urubibe n’Uburusiya.Uburusiya bukabona ko ukwo kugwirirana kw’ingabo za OTAN ku rubibe rw’Uburusiya ari nk’itangazo ry’intambara.

Indege y’iperereza ya Amerika

Ku musi wa mbere, Uburusiya bwaragabishije Amerika ko indege zabwo zizoca mu kirere ca Syria zizogirwako ibitero.

Iryo tangazo ryari iryo kwishura kw’ikororwa ry’indege ya Syria inyma y’aho igiriye ibitero kubagwanyi bafashwe mu mugongo na Amerika.

Ku musi wa kabiri, igisirikare ca Amerika carakoroye indege itagira umudereva y’igihugu ca Iran mu gihugu ca Syria, bituma vyongereza ukurabana ribi habati ya Amerika na’Uburusiya busanzwe bufashe mu mugongo igihugu ca Syria.

Ako gasomborotso ko ku musi wejo kabereye ku birometero 40 uvuye mu karere ka Kalinigrad mu mazi mpuzamakungu yegukira igihugu c’Uburusiya.
Umuvugizi w’igisirikare ca Amerika, Jeff David yabwiye abamenyeshamakuru ati: “ Twari hejuru y’amazi mpuzamakungu ntitwigeze tugira agasomborotso na kamwe”.

Recommended for you