INTERNATIONAL NEWS

Indege Ya Gisirikare Y’Igihugu Ca Birmanie( Myanmar) Yaburiwe Irengero Ryayo!

By

on

Indege ya gisirikare y’igihugu ca Burma bivugwa ko yari itwaye abantu 100 ntawuzi irengero ryayo, nkuko igisirikare c’ico gihugu kibivuga.

Igisirikare kivuga ko iyo ndege yagurukira hagati y’igisagara ca Myeik kiri mu bumanuko na Yangon (Rangoon).
Ibikogwa vyo kuyirondera no gutabara birabandanya. Iyo ndege ikaba yabuze irengero ryayo mu gihe yariko ica hejuru y’ikiyaga Andaman kiri mu Burengero bw’ico gihugu, nkuko BBC News ibishira ahabona.

“Itumanko ryacitse giturumbuka 1:35 [07:05 GMT] igihe yari ishitse ku birometero 32 mu burengero bw’igisagara ca Dawei,” niko itangazo ry’igisirikare rivuga.

Yarimwo abantu 105 n’abandi 11 bakora mu ndege, nkuko amakuru ava ku kibuga c’indege yashikiriye itororokanirizo ry’amakuru AFP avuga.
Igisirikare nticavuze igitigiri c’ abantu iyo ndege yunguruza abantu n’ibintu yakorewe mu Bushinwa yaritwaye.

Indege za gisirikare na kajugujugu zarungitswe muri ako karere.
Ivyo bikaba bibaye mu gihe Indege ya Malaysian Airlines yaburiwe irengero ryayo mu gihe yari hejuru y’Ibahari Indiana ubu haraheze nk’imyaka ibiri.

Recommended for you