INTERNATIONAL NEWS

Inama y’Umutekano ya ONU Yihuta Kubera Koreya ya Ruguru Yarashe Ikimissile Gica Hejuru y’Igihugu c’Ubuyapani.

on

Igihugu ca Koreya ya Ruguru casubiriye kwerekana ko ibihano cafatiwe na ONU bihagarariwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika ko ataco bihindura ku mugambi wabo wo guhingira no kugerageza ibigwanisho ruhonyanganda, mu gutera iki missile cagiye hafi ibilometero 3000 gica hejuru y’igihugu c’Ubuyapani mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri mu masaha yaho. Ivyo bikaba vyatumye Donald trump na Shinzo Abe batumako Inama y’Umutekano ya ONU yihuta kubwico kibazo kuri uyu musi wa Kabiri inyuma yaho abo bategetsi babiri bavuganiye kuri telefone inyuma yico gisasu.

Iryo geragezwa ry’ico gisasu rikaba ryemejwe n’igisirikare ca Koreya y’Epfo hamwe n’ica Amerika. Ariko ico gisasu kikaba “kitaramenyekana”, ko kumbure coba ari ca kindi kigenda imigabane. Ivyo biriko birihwezwa neza na Koreya y’Epfo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ico gisasu kikaba caciye hejuru y’igisagara ca Hokkaido kirimu bUruraruko bw’Ubuyapani maze kirwa mu nyanza Pacifique. Ico gisasu kikaba ataco cononye.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapanai akaba yaciye atumako inama yihuta aho yavuze n’agashavu kenshi ko Ubuyapani bugiye gufata “ingingo zose zishoboka” kugira yiyemeze ko abanyagihugu b’Ububayapani bari mu mutekano. Abategetsi b’igihugu c’Ubuyapani bakaba baciye baburira abanyagihugu bo muri ako karere ka Hokkaido kuba barinyegeza.

Naho Ubuyapani bufise ivyuma vyo gukorara ibisasu vya Missile, ico gihugu nticagerageje na gato kukimanura. Biri uko mu gihe igihugu ca Koreya ya Ruguru candikiye ikete Inama y’umutekano ya ONU ko imyimenyerezo ya gisirikare iriko iraba hagatai ya Amerika na Koreya y’Epfo yohagarara. Maze Koreya ya Ruguru ikaba yaciye imenyesha muri iryo kete rya 25 Myandagaro 2017 ko ari nka hamqwe ONU itokwumviriza ivyo basaba vyoca bigaragara ko ONU ari igikoresho kiri aho gusa ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Recommended for you