NEWS

Inama Y’i Geneve Ku Burundi: Abitavye Iyo Nama Bose Baremeza Ko Agateka Ka Zina Muntu Gahonyangwa Mu Burundi.

By

on

Haratunganijwe Inama idasanzwe I Geneve ku bijanye n’ihonyangwa ry’agateka mu Burundi kuva kuwa 13 Ruheshi gishika 14 Ruheshi.Abaserukiye ONU, eka n’abaserukiye Ibihugu vya Tanzania, Kenya , Ubuganda, Ubushinwa ,Uburusiya hamwe n’abantu bigenga batumiwe bava mu Burundi, bose baremeje bahurije hamwe ko agateka kanzina muntu gahonyangwa mu Burundi. Leta y’Uburundi ikaba itari yarungitse uwuyiserukira kuko yari yamaze gutangaza ko ata ciza yiteze covuye muri iyo nama.

Mw’itangazo Umugwi wa ONU ujejwe itohoza ku Burundi umaze igihe ukora, utangaza kw’ihonyangwa rikomeye ry’agateka ka zina muntu ribandanya mu gihugu c’Uburundi.

Abagize Umugwi ujejwe amatohoza ku Burundi, batangaza ko mu matohoza yabo babonye kw’abantu batekewe n’ubwoba bukomeye. Ivyo babitangaje igihe babwira incamake Ishirahamwe Mpuzamakungu rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu y’ibijanye n’itohoza ryabo.

Abagize uwo mugwi washizweho kugira utohoze ku mabi aba mu Burundi bemeje amakenga bari bafise mu ntango ku bijanye n’ihonyangwa rikomeye ry’agateka ka zina muntu n’ayandi mabi yakozwe mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2015.

Umugwi w’ishirahamwe ONU ujejwe itohoza ku Burundi wasubiye kwerekana ko ubabajwe nuko utashoboye kwemererwa kuja mu bice bitandukanye vy’igihugu hamwe n’uko abategetsi ba Reta banse gukorana nayo.Ariko abagize uwo Mugwi barashoboye kuvugana n’Abarundi batari bake bari mu buhungiro. Baragendeye ibihugu vya Tanzaniya, u Rwanda, Uganda, Republika iharanira demokarasi ya Kongo na Kenya.

Kuva mu ntango y’amatohoza, uwo mugwi warashoboye gutororokanya amakuru atari make yerekeye ihonyangwa rikomeye ry’agateka ka zina muntu rivurwa ko ryakozwe mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2015.

Iryo honyangwa ry’agateka ka zina muntu ririmwo ubwicanyi ndengerabutungane,guhohotera abantu, gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu n’ayandi mabi afatiye ku gitsina. Harimwo kandi guhagarika abantu n’ukubapfunga mu buryo budaciye mu mategeko, gutuma abantu irengero ryabo ritamenyekana kenshi aho imiryango yabo isabwa gutanga ingwati.

Umugwi wa ONU ujejwe itohoza ku Burundi uvuga ko menshi mur’ayo mabi akorwa n’abari mu nzego zijejwe iperereza n’igipolisi mu Burundi, rimwe na rimwe bafashijwe n’urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi ruzwi kw’izina ry’Imbonerakure.

Uwo mugwi ukavuga ko uzoshikiriza raporo ya nyuma inama igira iya mirongo itatu n’indwi y’Ishirahamwe rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu, mu kwezi kw’icenda mu mwaka w’i 2017.

Yamar’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu mu Burundi Martin Nivyabandi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu, yavuze kw’ivyegeranyo bikorwa ku gihugu c’Uburundi ar’urukurikirane rumwe. Yasiguye kw’ivyo vyegeranyo bihengamye bitewe n’imvo za politike.

Martin Nivyabandi abona k’ivyo vyegeranyo bifise intumbero yo gushengeza abategetsi bakuru bakuru b’Uburundi muri za sentare mpuzamakungu ata n’amatohoza abaye. Umushikiranganji Nivyabandi ntahakana kw’agateka ka zina muntu gahungabanywa, ariko ahamagarira abantu kuvug’ukuri mu matohoza bakora.

Recommended for you