NEWS

Inama y’agateka kazina muntu ya ONU yarongereje ikiringo umurwi w’amatohoza k’Uburundi

By

on

Ibihugu 23 vyari mur’iyo nama ya ONU ishinzwe kubahiriza agateka ka zine muntu nivyo vyemeje iyo ngingo, ibihugu 11 biranka ko uwo murwi wongerwa ikiringo, ibihugu 13 navyo ntivyashimye kugira ico bivuze kurico kibazo.

Ayo matora yabereye i Genève ku musi wa gatanu aheze, igisata ca ONU kijejwe kubahiriza agateka ka ONU casanze ko guhonyanga agateka ka zina muntu m’Uburundi biguma ari ikibazo ko kubera ico amatohoza akwiye gukorwa hakoreshejwe ubushakashatsi bukwiye.

Ayo matohoza ya ONU akazobandanya gushika mu kwezi kw’icenda umwaka 2020 nkunko ikiringo n’igikorwa abo bajejwe amatohoza kw’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu ba ONU bahawe.

Ivyo rero bikaba vyaranezereje abagwanira iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu bahunze igihugu. Pacifique Nininahazwe arongye FOCODE akavuga ko ayo matohoza akenewe cane mu gihe Uburundi bwinjiye mu gihe c’amatora yo mu 2020.

Ariko Willy Nyamitwe, umuhanuzi mukuru mu biro vy’Umukuru w’igihugu ashinzwe ibimenyeshamakuru no gutanga amakuru, avuga ko ukwongerwa ikiringo kurabo bakomisseri ba ONU bitumvikana kandi bitangaje. Willy Nyamitwe akavuga ko ivyo ataco bizohindura kandi ko vyari bikwiye kubera icirwa uwo murwi w’abanyaburaya.

Uwo murwi w’abakomisseri urongowe n’umunyasenegal Doudou Diene ukaba wari watanze icegeranyo muriyo nama y’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu aho werekana ko abatavuga rumwe n’umugambwe uri kubutegetsi n’imiryango yabo bicwa, bakanyuruzwa abandi bagakubitwa.

Amashirahamwe nayo adaharanira inyungu za politike akorera m’Uburundi akaba yari yavuze ko abo bakomiseri batokongerwa ikiringo ngo kuko basoma nabi ibiriko biraba m’Uburundi

Recommended for you