NEWS

Inama y’abepiscopie irarajwe ishinga n’igwirirana ry’ingwara ya malaria n’abasuma bafise inkoho

By

on

Mw’itangazo ryabo ryasohotse mur’iyi ndwi, Inama nkuru y’abepiscopie katorika ifise umutima uhagaze ku ngwara ya malaria yakwiriye imitumba ariko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ntiburavuga ko iyo ngwara yabaye ikiza.

Musenyeri Yohakimu Ntahondereye arongoye iyo nama nkuru y’abepiscopie akamenyeshe ko abo bakozi b’Imana bahagaritse umutima n’ubusuma butandukanye bugirwa ivyma bicira umuriro buheza bugahitana ubuzima bw’abantu. Iyo nama nkuru y’abepiscopie iradoma urutoke k’ubwicanyi bufatiye kukwagirizanya uburozi, iyo nama kandi ikavuga kandi urudandazwa rw’abigeme bajanwa mu bindi bihugu.

Recommended for you