NEWS

Inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ariteguwe mu mpera z’ukwezi kwa munyonyo

By

on

Ibizokwirwa mur’iyo nama akaba ari iyinjizwa mu mur’uyo muryango ry’igihugu ca Somalia, ikibazo c’imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda hamwe n’iy’Urwanda na Ouganda vyatosekaye hamwe no gushigikira igihugu ca Kenya kugira kironke intebe mu kanama ka ONU kajejwe umutekano.

Iyo nama ikazobera mu gihugu ca Tanzaniya igenekerezo rya 30 munyonyo. Iyo migenderanire y’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko yatosekaye ikaba ibangamiye cane uruja n’uruza rw’abenegihugu bivyo bihugu hamwe n’urudandanza rusanzwe rubera kumipaka y’ivyo bihugu. Amatekego nayo agenga uwo muryango w’ibihugu vya Afrika y’epfo akavuga ko haba uruja n’uruza hagati y’ivyo bihugu hasabwe za karangamuntu gusa.

Eko iyo migenderanire mibi ikaba yarahungabanije ingendo z’abakuru b’ivyo bihugu bafitaniye ibibazo. Ivyo bihugu bitatu bikaba vyagirizanya gushigikira abagwanya intwaro zabo. Ariko abajejwe umutekano w’ivyo bihugu bakaba barameranije kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho iri muri RDC igihugu kinini cane kigoye igenzura.

Recommended for you