Tue. Jan 28th, 2020

Inama y’abakuru ba EAC igiye kuzoba itariki 1 Ruhuhuma 2019.

Mu gihe Inama idasanzwe ya 20 y’Abakuru b’ibihugu vya Agfrika y’Ubuseruko yagumye yunguruzwa kuva muri Munyoyo 2018, ubu hoho igiye kuzoba itariki 1 Ruhuhuma 2019.

Ivyo biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Uganda(ubusanzwe aribwo buyoboye EAC kuri uyu mwanya) bwarungikiye amakete abakuru b’ibihugu vyose bigize EAC.

Imisi ishika kuri 14 irakwiye kumbure ku kwitegura kuri leta y’Uburundi nayandi ma leta ya EAC akunze kumenyeha ko atitegutye kubw’iyo nama.

Bikaba vyitezwe cane ko Urwanda arirwo ruzoca rusubirira Muserveni mu Buyobozi bwa EAC. None ubwo umubano mubi hagati y’Urwand n’Uburundi ntuzohava utuma vyunyuka? Tubirorere…