NEWS

Inama ya EAC yari itegekanijwe kuba ku wa 27 Kigarama 2018 yungurujwe.

on

Mu gihe hatari bwahere n’amayinga atatu habaye iyunguruza ry’Inama idasanzwe ya EAC, ubu naho habaye irindi yunguruzwa ry’iyo nama yari itegekanijwe kuba ku wa 27 Kigarama 2018 kandi ata mpamvu zitanzwe, vyamenyeshejwe n’ikinyamakuru The Citizen.

Ico kinyamakuru co muri Tanzania kimenyesha ko iyo nama ya EAC yari itegekanijwe kuba ku wa 27 kigarama 2018 i Arusha muri Tanzania yungururijwe kw’itariki itazwi yo hanyuma.

Umushingamateka munyabanga wa EAC, Christophe Bazivamo, yabwiye The Citizen ati: “Ubu vyagiye ahabona, Inama ya EAC ntizoba ku wa 27 kigarama 2018”.

Akaba yabwiye the Citizen ko itariki yindi y’iyo nama izomenyeshwa ibihugu vy’akarere mu nyuma. Ico kinyamakuru kandi kimenyesha ko amasoko yaco ko iyo nama ys EAC ishobora kuba mu kwezi kwa Ruhuhuma canke Ntwarante mu mwaka wa 2019.

Mwomenya ko iyo nama ya EAC yungurujwe inyuma yaho Uburundi nabwo bumenyesheheje ko buzokwitaba iyo nama itegekanijwe ku wa 27 Kigarama 2018 inyuma y’aho busibiye iyo nama ku wa 30 Munyonyo 2018.Uburundi nabwo boba babusubirije mu nkoko? Uko biri kwose hari ibitagenda neza mu muryango wa EAC.

Iryo yunguruzwa rije inyuma y’aho habaye uguterana amajambo gukaze hagati y’abatware babiri ba EAC aribo Nkurunziza nqa Museveni.

Vyose bikaba bije vyunyura imibano mibi yari isanzwe ihanze ibihugu bigize Ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, na cane cane ukutabona kumwe imishwano iri hagari y’Uburundi n’Urwanda.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply