NEWS

Inama Ya COMESA Vyari Vyitezwe Ko Ibera Mu Burundi Yimuriwe Kubera Muri Zambia.

on

Mu gihe vyari vyitezwe ko Inama ya 20 y’Abakuru b’ibihugu bagize COMESA igize ibihugu vya Afrika yo mu Buseruko no mu Bumanuko bihuriye mu budandaji ibera mu Burundi ku magenekerezo ya 1-10 Ruheshi 2018, hasohotse itangazo rishasha rimenyesha ko iyo nama ya COMESA izobera muri Zambia ku cicaro gikuru ca COMESA.

Iryo tangazo rivuga riti: “Inama ya 20 ya COMESA y’abakuru b’ibihugu izoba mu kwezi kwa Mukakaro(Juillet), 2018 i Lusaka muri Zambia ku cicaro gikuru. Amatariki nyezina akazomenyeshwa vuba.

Naho habaye amahinduka kuri iyo nama, nta nsobanuro yahawe Leta y’Uburundi kandi na Leta y’Uburundi ntaco iravuga kuri ayo mahinduka.

Iryo tangazo ryo guhindura aho inama ya COMESA ibera ryagiye ahabona ejo ku musi wa gatanu itariki 18 Rusama 2018 inyuma y’aho habaye amatora yahaririweko cane yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro mu Burundi.

Recommended for you